IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe atanu yitwaye mu murwi wa Afrika ujejwe agateka ka zina (...)

Amashirahamwe atanu yitwaye mu murwi wa Afrika ujejwe agateka ka zina muntu

jeudi 19 Ruheshi 2014

Uburundi butegerezwa kuzotanga insiguro imbere y’Umurwi wa Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu (Commission Africaine des Droits de l’Homme et des peuples) ku bijanye n’ibirego bitari bike vy’ubwicanyi ndengerabutungane (cas d’exécutions extrajudiciaires)

Bubaye ubwa mbere amashirahamwe yigenga yitura Umurwi wa Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu mu nzira yo kurondera ubutungane ku madosiye y’ubwicanyi ndengerabutungane yananiranye gutunganywa n’ubucamanza bw’igihugu. Ni muri iyo ntumbero amashirahamwe yigenga aherutse gushikiriza Umurwi w’Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu amadosiye ane ajanye n’ubwicanyi ndengerabutungane bwakozwe hagati y’umwaka w’2010 n’umwaka w’ 2012.

Hagati y’umwaka w’2010 n’umwaka w’2012, harakozwe mu Burundi ivyaha bitari bike vy’ubwicanyi ndengerabutungane bwagirirwa cane cane abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi. Ukwo kwaka ubuzima ikiremwamuntu ata nzira n’imwe y’ubutungane ikoreshejwe kandi bukabonekamwo bamwe mu bari mu nzego z’igihugu ntibwigeze buhanwa n’ubutungane gushika uno musi, nk’uko tubikura mu rwandiko rwashizwe ahabona n’urunani rw’amashirahamwe atanu ariyo ACAT-Burundi, APRODH, FOCODE, FORSC hamwe na TRIAL, ashigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Human Rights Watch HRW. Ayo mashirahamwe yaramaze gushikana ibirego imbere y’Umurwi w’Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu, ivyo birego bikaba vyakiriwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ruheshi 2014.

Ayo mashirahamwe yitwaye ku manza z’abantu bane bagandaguwe bamwe muribo bari mu minwe y’inzego z’umutekano

Urubanza rwa mbere ni urw’urupfu rwa Jackson Ndikuriyo, yatowe ikiziga kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro 2010, mu karere gakorerwamwo n’igiporisi ca Komine Musigati, intara ya Bubanza, inyuma gato akaba yari yahagaritswe
n’abajejwe umutekano. Amezi make gusa imbere y’uko agandagurwa, yari amaze imisi agirwako iterabwoba ridasanzwe ko ashobora kugandagurwa na bamwe bamwe mubari mu nzego z’igihugu.

Urubanza rwa kabiri ni urw’urupfu rwa Audace Vianney Habonarugira, yatowe ikiziga kuwa 15 Mukakaro 2011 ku mutumba wa Gasamanzuki muri komine ya Isare, intara ya Bujumbura. Yishwe inyuma y’aho ahatswe kugandagurwa muri Ntwarante 2011, hamwe n’iterabwoba ridasanzwe yagiriwe, ababikora hakaba harimwo bamwe mu bakorera inzego za Reta.

Urubanza rwa gatatu ni urw’urupfu rwa Médard Ndayishimiye, yanyurujwe mu nyuma agatorwa ikiziga kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu 2011 mu ntara ya Rutana, bikaba vyarabonetse ko imbere yo kwicwa yabanje gukubitwa no gusinzikarizwa ubuzima. Amezi atari make imbere y’iryo gandagurwa, Médard Ndayishimiye yaboneka
nk’uwukurikiranwa cane n’igiporisi kandi yaragiriwe iterabwoba ridasanzwe na bamwe mu bakorera inzego z’igihugu.

Urubanza rwa kane ni urw’urupfu rwa Jean-Claude Ndimumahoro batazira NZUNGU. Yatowe yakerewe umutwe kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro 2012 ku musozi Mpehe wa zone Bugarama, komine n’intara ya Muramvya akaba yari yabanje gupfungirwa imisi itari mike mu kigo c’urwego rushinzwe igendereza mu ntara ya Gitega.

JPEG - 3.2 Mo
Pacifique Nininahazwe wa FOCODE (i buryo), ari kumwe na Vital Nshimirimana wa FORSC (hagati), hamwe n’umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ACAT

Nk’uko bivugwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE, rimwe muri ayo mashirahamwe yafashe ingingo yo kwitwara mu murwi wa Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu, izo manza zine nizo zimaze gukwiza ivyemeza, bakaba kandi babanje kwibonera ko Uburundi bwa Reta y’Uburundi butariko burazikorerako. Kubwa Pacifique Nininahazwe, ukwo kwitwara kubaye mu ntumbero yo kubandanya urugamba rwo kurwanya ukudahana ivyaha bidasanzwe vyo guhohotera ubuzima n’uburenganzira bwa kiremwa muntu, na cane cane mu ntumbero yo
gukinga ko ubwo bubisha bwobandanya bwongerekana mu gihugu, ari navyo vyohava bisubiza inyuma amahoro yabonetse bigoranye.

Urunani rw’ayo mashirahamwe atanu rwaboneyeho akaryo ko gusaba umurwi w’Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu ko wofata ingingo mfatakibanza (des mesures conservatoires) kugirango bagondoze Reta y’Uburundi ku bijanye no gukingira imiryango yabuze, ivyabona hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bariko barakora kuri ayo madosiye.

Tubamenyeshe ko inyuma y’ugusuzuma ivyo birego vy’ayo mashirahamwe yitwaye, uwo murwi wa Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu azoshikiriza Reta y’Uburundi ivyokorwa. Mu gihe Reta y’Uburundi itokora ivyo izosabwa, umurwi wa Afrika ujejwe ivy’agateka ka zina muntu uzoshobora guca witwarira Uburundi muri sentare ya Afrika ijejwe agateka ka zina muntu.


Egide Nduwimana

Messages

  • SHA ABATUTSI MUSHAKA KWIGIRA IKIMANA CUBURUNDI!!!!!!!!! HARI NIZINDI MWIBAGIYE!!!!!! DOSSIER YA ABELLE SHIMIRIMANA YARIYE AMAGARA YONGERA ANWA AMARASO YABANTU BATATU YARAHEJEJE KUGANDAGURA KUKO NAYO YATANZWE MURI MAI 2012 NAWAMUTAMA MWATANGAKO IKIMAZI MWIBOHERO RYAMPIMBA MBONIMPA KARAVERI. MUZOYASAVYA MUCOKE.

  • hihihihi musubiye kwitura afrika na dossier ya yarufyikiri isidor bayiteye ivyatsi??????????? nimwunguruze muje muri onu canke i rahe hehehehehehee tubateze cvr mutatubwiye ingene mwari mwarateguye ko atamuhutu azobigana kaminuza, mutako mubishira mungiro mukubagandagura, ntituzoteka ngo bishe!!!!!! ubu nimwivugire ayo mushaka mumyaka irimbere muzoja gupanga harya mbonimpa yagiye gukorera akazikiwe kamisiyose.

  • Murazobe murarondera ayandi mashirahamwe abashigikira kuko HUMAN RIGHTS WATCH (HRW) ntamisi risigaje kutazoba rigikorera mubiyaga bigali!!!!!! kuko uko ririko ryigenza, ari ugutera umudurumbanyo muri EAC.

  • REKE GUSABA UGUKINGIRWA KWABABUZE ABANTU!!!!!!!! AHUBWO MWEBWE NI MWISABIRE GUKINGIRWA!!!!!!!! ATARAHO NTIMUMBAZE!!!!!!!! NTIMURUTA KADEGE NA DOMISIYANO!!!!!!!!

  • Abatutsi mwarataye imitwe. Mbe babanyeshure abo BA Vital na Pacifique batemagurira kuri University nabo batuririye mu mapine muri 90s nabo barabashizemwo?

  • Mbega JEWE NARI NZI KO FOCODE APRODH, TRIAL-ACAT BURUNDI ARI AMA SOUS ENSEMBLE YA FORSC NONE SIVYO MWEHO MUZI

  • Jew nibaza ko abo bagabo bafata abarundi nk’ibitazi. haragez nimba hatarengerany ko umuntu nka Pacifique, vital tuvuga abo ari bo. Ivyo bakoze birazwi mubwicanyi bwaberey muri kaminuza y’uburundi non baratunguy kutwitambako umuvyimba mbe ko batavuga abo bishe nibarindir CVR tubagaragaz

  • Bwana Louis biragaragara neza ko Pacifique hari ico yiyotsa cank naw nyen naho agomba ko abandi batokwitoza naw vyamugoy kuva imbere. Jew ncumva aserukira FORSC ntakandi ka association kaja mu kwaha muga namba abona yoca yibagiranwa kumbure dossier zimuraba zigakorwa yama imisi yose ariko yita imbere. Nkuze kubona babaza ngo CNDD-FDD ntawundi mu candidat yoronka atari Nyenicubahiro Peter NKURUNZIZA mbe we niwe ashoby gutwara FOCODE wenyene mbega ivyo batagira aho bahererey kubera iki bagomba ko bikorwa aho badahererey. Jew nama numva dossier yose ivuzw Pacifique aba imbere mukugira ico ashikirij none niw muntu w’incambwenge babony mu mashirahamwe yose ashoboy guhangana na Leta. Kugeza ubu ndemera umurongozi wa PARCEM kuko nta divaga ngo aje muvyo ishirahamwe arongoy ryishize imbere vyo gukora ibih vyose atubwira ivy’ubutunzi. Pacifique we harya nimba wibaza ko abahutu bo mu 72 aribo bo mu 2014 urihenda cane. Turura ahubwo dusabe Leta iturabire ivyo muriko murakora kuko ubwicanyi mwaramenyerey kubukora iturabire ko ataruhara mufise mubiriko bioraba mu gihugu cacu.

  • J,ABAHUTU MURANTANGA MURI BARYA BAVUZE HARIMWO ABATUTSI BANGAHE??????namamvuga kubwenge bwahahutu bucuritse mugaharira non,abobenewanyu nabo mubaziziki?mukwica abatutsi mwitwaza ngo babimyubutegetsi nonubuho mushakiki? MUMENIBANGA!!!!!

  • MWABANTU MWE MWANDIKA, GERAGEZA MUZE MWANDIKA AMAJAMBO YUBAKA IGIHUGU KANDI AHUMURIZA NA BARUNDI BOSE NIBWO BUGABO.

  • ABO BANYAGIHUGU BIGIRA NGO BARONGOYE AMASHIRAHAMWE AGWANYA L,ETAT,NTIBAKOMEYE NEZA MUMITWE YABO.BAGOMBA KWIGIRA L,ETAT MUYINDI,IVYO BAGIRA NINTUMBERO YOKUJURAGIZA UBUTEGETSI. MUGA BARIHENDA IVYO BAKORA VYOSE TURABABONA,NTAMUTARU MUZODUTERANA.AHUBWO MWARI MUKWIYE KWITWARIRA ABISHE ABARUNDI BOSE BAPFUYE KUVA 93 KUKOA BO BANE 4 MWADONDAGUYE NYIBASUMBA ABANDI BARUNDI BENSHI BISHWE NAMWEBWE NYENE MWIGIRA NGO MURI INTUNGANE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.