IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe mpuzamakungu aratera akamo inama nkenguzamateka (...)

Amashirahamwe mpuzamakungu aratera akamo inama nkenguzamateka y’Uburundi

mardi 16 Ndamukiza 2013

Ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu Human rights wach co kimwe na Leta zunze ubumwe za Amerika, bamenyesha ko itegeko rishasha rizogenga umwuga wo kumenyesha amakuru riherutse gutorwa n’inama nshingamateka y’Uburundi, kuwa 3 Ndamukiza rije kunigira mumenshi umwuga wo kumenyesha amakuru.

Mwitangazo ryashizwe ahabona muri Amerika, rikarungikirwa na PANA ishirahamwe rikingira umwuga wo kumenyesha amakuru, risaba umukuru w’Uburundi cokimwe n’inama nkenguza mateka ,ko iryo tegeko batorishirako imikono kuko rije gusubiza inyuma umwidegemvyo wo kumenya inkuru kub’anyagihugu n’uwo kuzitanga.
Nkuko bibandanya bishikirizwa na HRW,bavuga ko iryo tegeko rizobangamira abamenyesha makuru mugihe bariko bararondera inkuru.

Ivyo bizotuma batinya gushikiriza inkuru zatohojwe bivanye n’amahadabu y’umurengera bashobora gutangishwa mugihe ururimi rwanyereye,baranegura kandi n’ingingo ivuga urugero rw’amashure umumenyesha makuru abwirizwa kuba afise.
Kubw’umuyobozi Daniyeri Bakele ajejwe akarere ka Afirika murui HRW, aremeza ko iryo tegeko atakindi rigamije atari ugutera ubwoba abamenyesha makuru, kugira batinye kuvuga ibitagenda neza mu gihugu.

HRW arongera ikavuga ko iryo tegeko riteye amakenga mugihe igihugu cegereje amatora ya 2015.ishirahamwe ry’agateka kazina muntu, ribandanya rivuga ko abamenyesha makuru co kimwe n’abandi bahora bagira ico baneguye leta, bagizweko iterabwoba inyuma y’amatora ya 2010.

Baheraheza bavuga ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi butegekanywa n’ibwirizwa nshingiro be n’ayandi masezerano yo mukarere eka na mpuzamakungu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.