IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Vatikano n’Ubutariyano basabwe gufasha kugira ukuri ku bishe ababikira 3 (...)

Vatikano n’Ubutariyano basabwe gufasha kugira ukuri ku bishe ababikira 3 kuje ahabona

vendredi 23 Nzero 2015

Amashirahamwe mpuzamakungu, ayo mu Burundi yaba ayaharanira agateka ka zina muntu canke ayataho yegamiye mu vya poritike co kimwe n’imigambwe bose bariko basaba ko Bob Rugurika yorekurwa atagisabwe.

Ayo mashirahamwe hamwe n’imigambwe akaba asaba ko ubutungane bw’Uburundi bwotohoza neza ibijanye n’igandagurwa ry’ababikira batatu bo muri paruwasi ya Kamenge, abakoze ubwo bwicanyi baghanwa, nayo ubutungane bukisunga ndetse n’amatohoza y’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu, aho abavuzwe bogirwako amatohoza, abariko barakora amanyanga kugira berekane ko bari hanze y’igihugu igihe ayo manyanga yakorwa nabo bateshwe.

Eka mbere no mu migambwe itavuga rumwe na Reta nka UPRONA urongowe n’umushingamateka Karori Nditije, FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye canke CNDD yose isaba Reta kwerekana vuba bwango, abishe abo babikira bari bafise imyaka iri hagati ya 75 na 80, uwusanzwe yarafashwe nawe agapfungwa ariwe Christian Butoyi bivugwa ko afise uburwayi bwo mu mutwe akarekurwa, batibagiye ndetse na Bob Rugurika, aho bavuga ko n’icoshikira uwo mumenyeshamakuru kizobazwa Reta ya Petero Nkurunziza.

Mukamenya ko nk’ishirahamwe FOCODE rimwe mu mashirahamwe akorera mu Burundi ridaharanira inyungu za poritike co kimwe na Pancrace Cimpaye umunyeporitike yahunze yahunze igihugu, basaba ndetse icicaro ca Ekereziya Gatorika i Vatikano gukurikiranira hagufi idosiye y’urwo rupfu rw’abo babikira n’ipfungwa ry’umuyobozi w’iradiyo RPA Bob Rugurika.

Pancrace Cimpaye we akaba ndetse yarungikiye urwandiko Papa Fransisko amumenyesha uko urwo rupfu rwa Olga Raschietti, Lucia Pulici na Bernadette Boggia, aho muri urwo rwandiko avuga n’abakekwa kuri urwo rupfu nka Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi. Pancrace Cimpaye rero agasaba mbere n’inama nshingamateka y’Ubutariyano gufasha kugira ukuri ku bwicanyi bw’ababikira bavuka muri ico gihugu kumenyekane.


Aristide Nizigire

Messages

  • Imana sinkumwana w’umuntu urabikora igahora ugasubira ikinumira arikumenye kwatabwo Imana ihwanye nawe abishe banyakwigendera,abigize ndanse mu kumenga nyabaki u babapfungirubusa mumenye ko Imana rugiravyose yaturemye izobigaragaza, yemwe muragowe muzojugumira mubwire isi ngwibamire muzobura iyomuja Muzorira ntakizobahoza

  • Nukuri dusabe amakungu ahagurukire iyo ntwaro yabicanyi basigaye bica badacagura inzoya nabatamakazi nabatama ntibakibagerumutwe nukuri ntabutungane dufise mugihugu cacu ahubwo amakungu abariyo yigirira amatohoza kuraba batamakazi bagandaguwe babatariyano kuko ubutungane nareta yuburundi nibo babifisemwuruhara raba BOB Rugurika araziriki!! Nukuri kubona uwutohoje ukuri abariwe afungwa birababaje tureke nayo mashirahamwe natwebwe abanyagihugu nukuri turasemereye turakomye akaruru ko igishikira uwo mumenyesha makuru bizobazwa Reta ya Nkurunziza nabo barikumwe nimigambi bafise yokumugandagura bamenye ko bazomurya mubisi ntibibaze ko abarundi tunezerejwe nivyobariko bakora

  • Ukutemera gukeburwa,kwigira najuwa,uwo mutima watanguriye muri satani bituma igihe c’imbabazi kimurengana. None ivyo kobivugwa kuburundi uwuburongoye kwata vuga ari ngaho?

  • Akarorero kabi ntikabura,ariko uwo kavako we arigorewe. icari kumuberaco yari gutuma areka kuvuka. haryarero amaraso y’Aberanda ,Abatumwa b’IMANA,azobakurikira mwibaza ko ari ukujannda-janda. ikigihugu cacu ni ciza,ariko abogisanasanye nibo bagitabagura.Mbegako mugitabagura;mukaba mugitabura mucitaburira,umusuru wo kukibarira muzowukurahehe? burya rero Uburundi bugona buri maso .intarabona isyer’ihaha ngo n’inyama.wanka bangwe,ntiwanka zana ndabe. nitutajahamwe ngo twubake imitima yacu; bagenzi,bagenzi,nkunda,ntihabura ababikora binyegeje;bikazobabera agakunga ahamanuka.uwica umuvukanyi wiwe yigira igihangangwe,azogaduka nk’isi yumye,ashire ayonga nk’ifu y’imijiiira.nimwisubireko.ni mwisubireko.ni mwisubureko.mutaribonerako. mwoye gukora amaraso kuko amaraso arahuma.narirya rero mwihagiye abatumwa b’IMANA;akataretse kaba gesema.IMANA irihorera,ariko iramutse iguhana,iraguhasha bimwe bikwiye.muribuka Goliati,mwibuke Sodoma na Gomora,nahandi.........Uwuri n’amatwi yokumva niyumve iyi mpanuro ahandiho bizobakomerera.IMANA nibamizeko Inyonga zayo.

  • Atibandikiye Ipatikani! Ndabonye mubonahafi nukuri! Mushatse kwerekanako patikani itazo ivyovyabaye? Cankemushatse kuvuga Ko Patikani irimugacerere? Ikindi.wibazako leta yi Bujumbura niya Patikani bicayegusa batavugana? Umvandababwire Patikani ntakintukibakwisi ngohahere isaha itarakimenya, mazenamwe ngomurayandikira musababayereka komurabanyabwenge canke mubonakure kuyisumvya! Mamaga Pasfique na Pacrance!!! Iryanama mwakoze mumwaka uheze ngoyokurondera ivyovyose vyotuma mwankisha iyi leta abarundi nabakungu murazorebaneza ahokwanka iyi leta nimwebwe mugiye kuzohava mumaramazwa bimwebitigeze bibaho.

  • none nibagiribiganiro nabo bariko barapfa bareke gupfa arega birateyisoni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.