Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta iragabishwa mu gihe itoshira mu ngiro ivyo yemereye abarwanya ubuzima (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Reta iragabishwa mu gihe itoshira mu ngiro ivyo yemereye abarwanya ubuzima (...)

Reta iragabishwa mu gihe itoshira mu ngiro ivyo yemereye abarwanya ubuzima buzimvye

vendredi 27 Ntwarante 2015, par IGIHE

Reta y’Uburundi iragabishwa hamwe vyoshika ntishire mu ngiro ivyaraye vyumvikanyweko muri ya nama yahuje impande zitandukanye zirabwa n’ibibazo bijanye n’ubuzima buzimvye.

Hari ama "Stations" yoba atari ko aratanga igitoro, hacibonekeza ya mirongo miremire y’abatondeye igitoro, muri nani z’amasendika n’amashirahamwe ahurikiye mu rugamba rwo kurwanya ubuzima buzimvye baragabisha Reta ko hamwe itoshira mu ngiro ivyo baraye biyemeje kuri uno wa kane mu nama yahuje ayo mashirahamwe, ubushikiranganji bw’ubudandaji, ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, urwego ARCT, n’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ko bazokora ivyo vyose amategeko abarekurira.

Kubw’ayo mashirahamwe, bizera ko kutabaye ukuyaga amasigaracicaro, canke ko kutabaye ugukinishwa nk’abana nk’uko bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye urwo rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye.

Mu gihe rero Reta itoramuka ishize mu ngiro ivyo baraye bumvikanye, muri ayo mashirahamwe bavuga ko ata nkeka bazokora ico cose amategeko abarekurira mu ntumbero yo gushikiriza akababaro kabo, yaba mu kugira imyiyerekano canke guhagarika akazi.
Muri ayo mashirahamwe baranegura kandi abategetsi bamwe bamwe bo mu nzego z’igihugu bagaya abanyagihugu, ayo mashirahamwe agasaba ko agateka k’abanyagihugu kokwubahirizwa, kuko aribo bahemba abo bategetsi.

Naho bakirindiriye ishirwa mu ngiro ry’ivyo Reta yiyemeje, ayo mashirahamwe avuga ko ashimira cane umuhuza w’abarundi hamwe n’umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu, ku bwitonzi n’ukwitanga baraye bakoresheje mu kurondera inyishu irama kuri ivyo bibazo vyose.

Tubibutse ko muvyo bashitseko mu nama yabaye kuri uwu wa kane, ari ko igitoro kidasubira kubura mu gihugu cose guhera kuri uno wa 26 Ntwarante, mukibuka ko kuronka igitoro vyari vyasigaye vyabaye nk’ukurondera umuzi w’ibuye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.