Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe arwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yavuye muri (...)
Amashirahamwe arwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yavuye muri CNARED
lundi 28 Kigarama 2015
Ihuriro ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahuriye mu runani rwishinze kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Halte au Troisieme mandat barashima ko ibiganiro vyatanguye vyo gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi,kandi bikabera hanze y’igihugu ahari umutekano.
Mw’itangazo ry’ayo mashirahamwe ryo kuwa 27 Kigarama 2015,ayo mashirahamwe amenyesha ariko ko atanezerejwe no kuba atatumiwe mu biganiro bihuza abarundi vyatanguye i Kampala ku murwa mukuru w’Ubuganda kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015,kandi bari mu bafashije bikomeye mu gukingira amategeko y’igihugu biciye mu myiyerekano yatunganijwe mu mutekano.
Muri iryo tangazo ryateweko umukono na Vital Nshimirimana arongoye FORSC,ayo mashirahamwe amenyesha ko ashigikiye imirwi yose yishinze gukingira amasezerano ya Arusha harimwo CNARED,agashima kandi kuba urunani CNARED rwaratumiwe mu birori vyo kwugurura ibiganiro.
Naho biri ukwo,ayo mashirahamwe amenyesha ko ahagaritse gukorana n’urunani CNARED,ariko ko agiye gukora akingira ibibanza n’ivyiyumviro biri mu rwandiko rwiswe Crise Burundaise : Diagnostic et ebauche de solutions par la societe civile.
Ayo mashirahamwe arangiza iryo tangazo agabisha ko atawohirahira ashigikire umukuru w’igihugu mu ntumbero yo gutuma hari abadahanwa kubera amabi bakoze.
Van Naris Mugisha
Messages
28 Kigarama 2015, 16:50, par BM
None amahoro azoboneka gute k’umwe wese ashaka kwikwegerako?
28 Kigarama 2015, 21:31, par Mpozamarira Erias
Mukomere kwibanga mwishinze ryo nguharanira agateka kabanyagihugu na kuburundi, ariko ndashimishijwe nuko ibiganiro vya tanguye Ikampara Muri uganda.cakabiri, ikitanezereje nukuba amashirahamwe adaharanira inyungu za reta atatumiwe, twizere kobazotumirwa nabo nyene kuko barafise ico bashobora guterera kunyungu ya barundi.Imana ihezagire Nyakubahwa Museveni Kaguta,Imana ihindure umutima wa Farawo UBURUNDI buronke amahoro.
28 Kigarama 2015, 21:46, par Mpozamarira Erias
BM,bahaye ikibanza Imana bakareka guhishirinyungu nzabo imbere, ntakabuza bishobora kugenda neza, Uburundi bukitwa Uburundi bwamahoro.icishe uburundi Bwana BM, ntiharaboneka umutware akunduburundi na barundi atarivyokumunwa, nukuri uburundi bwohinduka bukaba inusu ya paradiso.
28 Kigarama 2015, 22:38, par john
Imyaka 5 Peter aratitwara nibiba ngombwa tumwongere nindi, none mumwomera mute mutatamutoye nimwigumure mu buhungire muzagweyo, nicyo nobabwira, abanyagihugu bomutoye tuzomushigikira naho mweweho muzokwimanike
28 Kigarama 2015, 23:55, par kamaro
muivamwo mujahe? nimuigumemwo birazwiko murabanyaporitike baharanira ivyicara vyaporitoke, kuko ntimukiramashirahamwe marabanyamigambwe, twarabahinyuyesha...muhendande??
29 Kigarama 2015, 00:34, par Hutsi
Kuva uburundi bubaho bukorerwamwo amabi ababagabo ngo niba Vitale nibobubahutse gukora icahaco guturirabantu babona kugira bizomve mumutwe sivyo mwinomwaka sinojangaho ngombeshe nubumbonye Vital utwotunwa nutwinyo twiwe icanibaza ngwagomba aturire abandibantu!
29 Kigarama 2015, 08:02, par makon
abanye politique nibo bazovyungukiramo mwe mukanuye amaso gusa kandi arimwe mwapfushije abantu benshi. ubu bamwe batanguye kugura ama palicele yokuduzamo ama etage mugisagara. ariya mahera ya EU ni menshi cane.
29 Kigarama 2015, 16:58, par akagaye
banyangoma bazofungura imisoso mwe musigare mufyeta amasahane. wait and see!! abana bacu bashiriye muri binobintu tuzababaza nde?
30 Kigarama 2015, 06:21, par Innocent
Ego Nivyo Sha Nyakubahwa Ivyo Muvuga Nivyo Cane Rwose