Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" yatumye ruhagarikwa
Rwanda : Amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" yatumye ruhagarikwa
mardi 10 Ruheshi 2014
Ururirimbo"Welcome to bed" rw’umunyarwanda Dr Jiji rushobora guhagarikwa kuvuzwa muri ico gihugu c’Urwanda. Uwurongoye ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama avuga ko ururirimbo barwanse bakibona amashusho yarwo. Hasigaye kubaza Dr Jiji bumve ico abivuga ko, ariko ingingo yaramaze gufatwa.
Ururirimbo "Welcome to bed" rwasohokanye amashusho abonekamwo ibiterasoni, harimwo n’ivyo umuntu yokwita ubusambanyi. Urwo ruririmbo ruteye kubiri n’imico yo mu Rwanda. Makuza Laurent, ajejwe umuco mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, yavuze ko urwo ruririmbo barwanse bakirubona amashusho.
Makuza Laurent agira ati : "Uriya muhanzi, ni mushya, ntaranamenyekana. Gusa nka Minisiteri icyo twashimiye itangazamakuru ryo mu Rwanda ni uko ryamaganiye kure iyo ndirimbo. Ariya mashusho si meza, nta butumwa atanga ahubwo ayobya abayareba. Igishimishije ni uko nta hantu mu itangazamakuru ryo mu Rwanda iyo ndirimbo igaragara".
Mu nama yagizwe n’ubushikiranganji kuri uwo wa mbere igenekerezo rya 09 Ruheshi, hafashwe ingingo yo guhagarika urwo ruririmbo, igisagaye n’ukubaza Dr Jiji kuko ashobora kuba yabikoze atabizi. Hategekanijwe ko vuba hazoba hamaze kuvungwa ingingo ntabanduka yafashwe.
Dr Jiji avuga ko atawuramubwira ko ururirimbo rwiwe ruhagaritswe, ariko aremera ko ashira aho ubushikiranganji bushize. Ati :"Ntabwo nzorwanya umwanzuro bazayifatira."
Ayo makuru nyene abandanya amenyesha ko amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" yoba yateye icuka kibi mu rugo kwa Dr Jiji naho avyamirira kure kuko umugore wiwe yoba yarashavujwe n’ivyo yabonye.
Amwe mu mashusho ari muvyatumye ururirimbo ruhagarikwa ni aya akurikira :
Cherif Nkeshimana
Messages
11 Ruheshi 2014, 11:37, par Ntiwihebure
Kino "Gihe" cacu naco! None ivyo biterasoni mweho mwashize ibiganza mumaso, ariko munyuza akajisho mumwanya w’intoke murabiraba, mwifata mujisho murabitwereka. Ibiterasoni, Hmuuuummmmm, igihe cavyerekanye, abantu babiraba, isoni zingana iki, canke natanarumwe rukihari. Ndatangaye nongera nshimishwa n’ubushikiranganji bw’imicokama mu Rwanda; iyo ngingo ntayo nari ndabitezeko ndavye ivyari bisanzwe vyerekanwa bituruka i Rwanda. Na mitende.
11 Ruheshi 2014, 15:13, par dukomerekumucowacu
Vive le rwanda conservateur de Paul Kagame. Mujye mukurikira Abahanzi abahanzi nyarwanda nka DREAM BOYS bahanga ibihangano bijyanye n’umuco nyarwanda. Jyewe nkunda indirimbo za bano basore nka "isano" na "mumutashye" muzazumve nibwo muzabona la pudeur rwandaise.
26 Rusama 2016, 23:06, par nduwimana esperansé
mbegaa abantumwenabobigenzagutyo,kuberikitwe bwetwamenye,imanatutobahanura.
21 Kigarama 2016, 13:41, par Nkurunzizakevin
Ivyobinunivyizacaneahubwonimwongereibindivyubusambanyi
31 Mukakaro 2018, 20:40, par Vyizigiro Méthode
jewe iconumva nuko bari kuvamwo none bagize neza ko berekanye amashusho kuko umukobwa amaze kwambara ubusa aba agomba kuguta mucaha ico nohara abazenzi nuko bokwirikira inzira y,imana kuko kwasatani ni habi haka y,umuriro gusa mugani mw,ijuru n,umunezero nka jewe nsenga mwishengero rya fosukweya muburundi murehe
13 Myandagaro 2018, 06:07, par kwizela
Andika hano indirimbo
12 Nyakanga 2018, 13:57, par theogene Harerimana
video