Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakobwa bo kw’ishure rya Chibok bagizwe imbohe berekanwe ari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakobwa bo kw’ishure rya Chibok bagizwe imbohe berekanwe ari (...)

Abakobwa bo kw’ishure rya Chibok bagizwe imbohe berekanwe ari bazima

jeudi 14 Ndamukiza 2016, par Jean De Dieu

Amasanamu yashizwe ahabona n’abarwanyi ba kiyisilamu ba Boko Haram muri Nigeriya yerekana benshi mu bana b’abakobwa bagizwe imbohe bakuwe kw’ishure rya Chibok, bakiri bazima.

Ayo masanamu asa n’ayafashwe mu kwezi kwa 12, arungikirwa Reta ya Nigeriya, akerekana abakobwa 15 mu makanzu yirabura, bivuga nk’abanyeshuru bafashwe bagirwa imbohe bakuwe kw’ishure bigako.

Bamwe muri abo bari kuri ayo masanamu bamenywe n’abavyeyi babo.
Ni amasanamu ya mbere abonetse y’abo bakobwa kuva mu kwezi kwa Gatanu 2014.

Ifatwa ry’abakobwa 276 ryabaye imbarutso y’ibikorwa vyo kwiyamiriza ibikorwa vya Boko Haram, aho ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye kw’isi yose hatangujwe isekeza bise #BringbBackOurGirls", bisigura : Garukana Abakobwa Bacu. Na Michelle Obama, umugore w’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari mubagize uruhara muri iryo sekeza, hamwe n’abandi bantu b’ibihangange kw’isi yose, naho abo bakobwa bataragarukanwa gushika ubu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.