IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasoko ntanganguvu mu bisata vyotangurirwako mw’iterambere ry’igihugu

Amasoko ntanganguvu mu bisata vyotangurirwako mw’iterambere ry’igihugu

mercredi 23 Gitugutu 2013

Amasoko ntanganguvu, uburimyi, amagara y’abantu, indero hamwe n’ingenzi nivyo bisata umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko abafasha Uburundi boherako mu gufasha igihugu gushika ku nzira y’iterambere n’ukurwanya ubukene.

Umurwi wo mw’ibanki BAD (Banque Africaine de Developpement) ujejwe iterambere ry’ibihugu bikiri inyuma mw’iterambere umaze iminsi uriko uragendera abategetsi batandukanye bo muri Leta y’Uburundi. Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, uwo murwi wahawe umubonano n’umukuru w’igihugu, aho bari baje kumubaza ivyo boherako mu bikorwa vy’iterambere kugira Uburundi bureke kuguma mu bukene kandi buve mu bihugu bifise imyenda myinshi.

Nk’uko twabimenyeshejwe na Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, ibisata nyamukuru vyotangurirwako ni igisata c’amasoko ntanganguvu asanzwe ari make, amagara y’abantu, uburimyi, indero, n’igisata c’ingenzi.

Abou Amadou Ba, yari arongoye uwo murwi wo mw’ibanki yamenyesheje ko ivyo baganiriye n’umukuru w’igihugu agiye kubishikiriza urwego rw’iyo banki rujejwe iterambere ry’ibihugu bikiri mu bukene. Ariko rero, Abou Amadou Ba asanzwe ari nawe aserukira iyo banki mu Burundi yasavye Uburundi kwijukira gutunganya ibikorwa vy’iterambere, kugira abafasha igihugu baze bongera kuvyakozwe.

Egide Nduwimana

Messages

  • nivyiza ko iyo migambi ishirwa mungiro vuba

  • Twifuza ko Uburundi bwotera imbere mubusata vyose!!!

  • Ego nivyo. Mugabo turabe ibikenewe ama resources humaines....Amashuri yisumbuye yose niyigishe ivyigwa vya economie, gestion, plannification
    muri kamiuza naho bigishe management na leadership.uzoce uraba ukungene dupanga imigambi sawasawa, entreprises nationales zitangure zikore etc,,,etc,,

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.