Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubudasa mu matangazo hagati ya Jacob ZUMA n’ubumwe bwa Afrika
Ubudasa mu matangazo hagati ya Jacob ZUMA n’ubumwe bwa Afrika
jeudi 3 Ntwarante 2016, par
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasohoye itangazo ritandukanye n’iryasomwe na Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, inyuma y’isozerwa ry’urugendo rw’iminsi ibiri abakuru b’ibihugu n’ama Reta batatu bari bamazemwo mu Burundi.
Mu gihe inyuma y’urwo rugendo abandi bakuru b’ibihugu baraye batashe ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yagumye mu Burundi araraho. Bukeye ku munsi wa gatandatu, Jacob ZUMA yasohoye itangazo kw’izina w’abakuru b’ibihugu yari arongoye muri urwo rugendo, ariko iryo tangazo rikaba ryasomwe mu gihe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryari rigitegura itangazo risozera urwo rugendo abo bakuru b’ibihugu bahoramwo. Ivyo bikaba vyabaye nk’ibitanga isanamu mbi y’urwo rugendo abo bakuru b’ibihugu bahoramwo, hama hagasomwa amatangazo abiri.
- Jacob Zuma, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo
Mw’itangazo rya mbere ryasomye na Jacob ZUMA, yahamagariye muri rusangi abarundi mu biganiro bidakumira, Reta y’Uburundi nayo ikaba yaciye ifatira aho yemera ibiganiro bidakumira, ariko bizohuza abatagira ivyo bagirizwa, aho bikumvikana ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari hanze y’igihugu, bahurikiye mu runani CNARED batotumirwa muri ivyo biganiro kuko bagirizwa na Reta ko barimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Iryo tangazo ryasomwe na Jacob ZUMA rivuga ivyo, mu gihe iryasohowe n’ubumwe bwa Afrika rivuga ko impande zose zegwa n’ibibazo vy’Uburundi zotumirwa mu biganiro, ata na kimwe kirinze gusabwa canke kwisungwa (Dialogue, sans pré-conditions).
Iryo tangazo ry’ubumwe bwa Afrika ritasomwe n’umukuru w’igihugu Jacob ZUMA rirashimangira kandi mu kuvuga ko abo bakuru b’ibihugu bahora mu Burundi bazoja kubonana mu mahanga n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa NKURUNZIZA, babasanze aho bahungiye.
Itangazo rya Jacob ZUMA ryasavye amakungu kugarukana imfashanyo zahora zihabwa Uburundi zahagaritswe, mu gihe ubumwe bwa Afrika bwasavye ko imfashanyo zogaruka umutekano ubanje kwisununura mu Burundi.
IGIHE
Messages
3 Ntwarante 2016, 10:17, par Birahinduka
None ko abarundi bariko badukina nkuko umenga turi imipira burya Imana irahora ihoze!ikihari iyi leta ya nkurunziza nuko yohava kuko nivyo biganiro nuko ari ibimusaba kurekura ubutegetsi yihagiye ku nguvu!ivyabo bakuru bibihugu nabo nyene nuko bazi ivyo bariko bategura mu bihugu vyabo niyo mpamvu bamwe bamuha impigi
3 Ntwarante 2016, 10:34, par Batwenga
Iyinkuru Ntitomoye Neza! Ariko Ndazi Hazovurwa Vyishi; Nyangoma Sinduhije na NIYOMBARE nabandi Batatu Ntamenye nababonye Bibereye I Gitega-Jimbi Munama.
3 Ntwarante 2016, 10:51, par kamaro
ivyo ntacobitwaye nimureke kudumisha ibintu, kizima bose bavuze ibiganiro. ikinyamakuru IGIHE nimugabanye kuza murashusha abantu imitwe, nimuze muradushikiriza nayandi makuru yibirikobiragendaneza mugihugu. nkakarorero murinondwinyene hari ibihugu umunani8 vyuguruye Ambassade nshasha muburundi ivyonavyo ni Autralio, Autriche, Qatar, phiripinne, italie.suisse, sierra leone, Danemark. ivyo nibintu vyerekanako muburundi atangorane zikakaye ziriho kandi biraremesha ntakuntu boza kwugurura zambassade mugihe hobahari ingorane. uburero amakungu aratanguye kubona ukuri e nibindi bizoza.....nivyo ikinyoma citangirimbere ukuri, ariko ukuri gushitse kukabonekera bose...
3 Ntwarante 2016, 11:41, par birasekeje
UWO musuma NGO Ni Zuma bari bayobewe yuko ashyigikira interahamwe nigute yotangaza ibizirwanya aho ziri muburundi . barundi barundikazi mugihe mutagiye mubiganiro bidakumira muzongera kubona amahoro Yesu agarutse.
3 Ntwarante 2016, 13:01, par ernest
Jewe mbona icotangurirwako mubiganiro Ari ukubanza gukura nkurunziza Hama hagakurikira gufata abicanyi Bose batumariye benewacu Hama numva bizoca vyoroha ko abarundi babandanya ibiganiro imitima yabo iri munda mbere wanasha aho boshobora guca bataha ibindi bakaza kubibandaniriza muburundi kuko bitagenze kutyo abobicanyi nadondaguye ngaho hejuru bakiru kubutegetsi bobangamira ishirwa mungiro ryivyoba vyumvikanyweko
3 Ntwarante 2016, 13:52, par alidi Hicuburundi
Ewee Zuma,zuma naho adataniye na nkuru,ushimye zuma ntacho yomarira abarundi atari kuza gusahura nivyo azakurihwa nankuru ngo amuvugire.ichokigabo zuma ninda ndende nka nkuru.isato kuyindi.ariko vyose imana iza kuturihira twebwe abana bimana.
3 Ntwarante 2016, 14:08, par nina
Iconovuga coco ikinyamakuru igihe gerageza namwe mureke gukokeza namwe ivyanyu bizoja ahabona.
3 Ntwarante 2016, 14:36, par None?
@Ernest, nihaba hakibaho abicwanintuntu wewe ushobora kuzoba mubambere mugihe wokwishinga guhangana nibuye H.E Nkurunziza Mukorumbone.
Hanyuma jewe ntamakosha mbonye muribivyanditswe.
3 Ntwarante 2016, 20:52, par Avis
Nivyukuri Muburundi Umutekano Urikuboneka Twosabako Kuvyukuri Imfashanyo Z,uburundi Zogaruka Impunzi Nizigarukemugi Hugucabavyaye
3 Ntwarante 2016, 22:45, par Vesa
Emwe Bakurub Bafirika,? Mbegayemwe ,ubwonibwengeki,? Yoooo,w,,,
4 Ntwarante 2016, 00:16, par Hitimana francois Lucien (Hiboken-Anvers -Belgique)
@Igihe.com (ikinyamakuru cya Satan Kagame). Uburundi amahoro niyose. Ngira mugiye guhomba kuko ibinyoma mubeshya kandi i Burundi hari amahoro ntawe ubiyobewe.
4 Ntwarante 2016, 07:11, par Me
None uwo mu perezindi yasigaye muburundi akoriki kwabandi bari bamaze gutaha? yi sigaje inyuma babe barakora ivyamanyanga na Nkurunziza.ivyovyose yatangaje nivyo yarongerewe mumutwe na pete, ya muboreje wisiki nikiturire cishi cane kuko nimvugo yiwe iramuranga ntabwo yo kubahutse gutangaza ivyo bagenzi biwe batamutumye. iheraba arahinyutse burya uwavuze ati ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka yavuze ukuri. ikibazo cuburu ntamushonji yo kishobora, abazungu gusa nibo bataryiturire nabandi ekaye!. rekaa tuzobikurikiranira hafi turabe iherezo ryabo ba perezida batanguye kuvugindimi zibiri.
4 Ntwarante 2016, 20:56, par Dieudonnée Sindayikengera
ivyisi namnyanga gusa.nukwiciragafaranga gusa ntanzirimwo.nukitezamafoto mbay kagame.urubanza nurw’Imana.
5 Ntwarante 2016, 20:46, par lee
abakuru b’ibihugu ba Afrika barashigikiraniye
7 Ntwarante 2016, 19:04, par GANDI
AMAKUNGU NAFASHE MUBIGANIRO AHANDIHO ABA JEUNE TUZOHONA TUZIRA UBUSA . ABA CNDD NTIBAKINA.
8 Ntwarante 2016, 13:05, par Ndayizeye Côme
abo nyene twita babi na bo batwita babi. ok? n abarundi,tukab abarundi ntaho dushirana. ok? tubacira urubanza bakaducir urundi... none bigende gute? abo ni bo dufitaniye amatati ! none, ab ataco bagirizwa nka jake bigirimana na conciriya nibigira (ee,ehe basha baritiranwa), turafatanye mu nda,dusangiy kabisi na gahiye... ni nd aturasa, ni nde ater amabombe ku mabati twiryamiye? Zuwa, EAC, UA, UE, UN, USA, booose nta n umwe ashoboye kugir ic adufashije kiretse TWEBWE TWENYENE twemeye ko ata wera kuruta uwundi,mugihe tutemerana ngo: mvuge,uvuge,avuge,tuvuge,muvuge ivyo dupfa, tuvyagirizanye imbona nkubone uwagiriy akabi yemere ko yakosheje, mu burundi kuva na kera vyarâmye ko umuntu yengera abagabo...abarundi bavyita "KWIMENJURA"