Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amateka n’ubuzima vy’uwakinye ireresi ya Yezu "The passion of (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amateka n’ubuzima vy’uwakinye ireresi ya Yezu "The passion of (...)

Amateka n’ubuzima vy’uwakinye ireresi ya Yezu "The passion of Christ"

mardi 30 Mukakaro 2013

The Passion of the Christ ni ireresi yashizwe ku mugaragaro mu mwaka w’2004 ivuga cane ku buzima n’urupfu vya Yesu ( Yezu) kw’isi. Umugabo yakinye iyo reresi amazina yiwe ni Jim Caviezel, yavutse kw’igenekerezo rya 26 Nyakanga 1968.

Ubuzima n’amashuri vya Jim Caviezel:

Jim Caviezel avuka ku bavyeyi 2 aribo Margaret (nyina) na se yitwa James Patrick Caviezel. uwo mugabo yavukiye mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika muri Washington, akaba avuka mu muryango w’abana 4 (Timothy, Ann, Amy, na Erin).

Yize amashure y’intango mu kigo citwa Mount Vernon, aho yamaze imyaka 2 gusa aca aja kuyabandaniriza mu kindi kigo c’abakatolika citwa O’Dea High School. Mu guhindura ikigo vyatewe n’ingene yakina neza urukino rwa Basket Ball, bica bituma ico kigo kimuhamagaza. Ageze mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye, indoto ziwe zo kuzokina muri NBA zarangiye igihe yavunika ku buryo bukomeye ukuguru, biza gutuma ahagarika gukina urukino rwa basket ball. Mu mwaka w’1987 niho yahawe impamyabushobozi ya kaminuza mu kigo yarangirijemwo giherereye i Washington.

Jim yatanguye gukina amareresi mu mwaka w’1991 akina mw’ireresi yitwa My Own Private Idaho. Inyuma y’iyo reresi yaciye yimuka ava Washington aho yahora aba aca aja i Los Angeles kuduza ingabirano yiwe yo gukina amarerersi, aho mu mwaka w’1994 yongeye kuboneka mw’ireresi yitwa Wyatt Earp.
Mu mwaka w’2000, yakinye mw’ireresi yitwa Pay it Forward na Madison
Mu mwaka w’2001, akina muyitwa Angel Eyes
Mu mwaka w’2002, akina muyitwa The Count of Monte Cristo na High Crimes
Mu mwaka w’2004, abisabwe na Mel Gibson maze akina ireresi yitwa The Passion of Christ benshi bita ko ari ireresi ya Yezu (Yesu)

Muri kahise, Jim Caviziel yakundanye n’umwigeme w’umwarimu yitwa Kerri Browitt, bakora urubanza rwo gushingirwa kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 1996. Mu nyuma y’ikiringo c’amezi 2 gusa bubakanye baca barera abana 3 (adoption) bari bakuye mu gihugu c’Ubushinwa batagira iyo baba aribo Elizabeth, David Patrick na Bo.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.