Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatohoza yerekanye ko Yasser Arafat yoba yishwe n’uburozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amatohoza yerekanye ko Yasser Arafat yoba yishwe n’uburozi

Amatohoza yerekanye ko Yasser Arafat yoba yishwe n’uburozi

mercredi 6 Munyonyo 2013

Abahinga bo mu gihugu c’Ubuswise bamenyesheje ko inyuma yo gusuzuma ikiziga ca Yasser Arafat, uwahoze ari umukuru w’abanyapalestina, basanze yari afise uburozi bwa polonium mu mubiri wiwe.

Mu nyandiko yasohowe ku mbuga y’ibimenyeshamakuru Al Jazeera na The Guardian, abo bahinga bamenyesheje ko ibipimo vyakozwe vyerekanye ko amagufa ya Yasser Arafat yari afise polonium n’imiburiburi ingana n’icuro 18 gusumvya urugero rusanzwe.
Suha, umukambukanyi wa Yasser Arafat, yavuze ko inyishu z’ivyo bipimo zemeza ko yishwe.

Haheze imyaka 9 Yasser Arafat yitavye Imana, biturutse ku ngwara itamenyekanye neza, yamufashe akanya gato.
Reta ya Israeli yarahakanye kuba hari uruhare yagize mu rupfu rwa Yasser Arafat.

Mwomenya ko abo bahinga bakoze ayo matohoza batigeze bagira ico bashikiriza ku kibazo c’uwoba yarishe Yasser Arafat, canke ku kungene yoba yarishwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.