Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatora yasubiye kwigizwa inyuma kw’isango ritaramenyekana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amatora yasubiye kwigizwa inyuma kw’isango ritaramenyekana

Amatora yasubiye kwigizwa inyuma kw’isango ritaramenyekana

jeudi 4 Ruheshi 2015

Nk’uko vyasabwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere mu nama yabaye kuw’Imana igenekerezo rya 31 Rusama i Dar-Es-Salaam,amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yari ategekanijwe kuwa gatanu igenekerezo rya 5 Ruheshi,yimuriwe kw’isango ritaramenyekana.

Nk’uko vyashikirijwe n’umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Willy Nyamitwe kw’iradiyo y’abongereza BBC,Reta yarashimye impanuro zatanzwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere yo kwigiza inyuma amatora mu kiringo kitari munsi y’ukwezi n’igice, ari naco gituma bayigije ku rindi sango.

Willy Nyamitwe yavuze ko iyindi sango y’amatora izomenyeshwa n’umurwi CENI inyuma yo kwihweza ko ata mategeko y’igihugu arenzweko,yavuze kandi ko ata yindi mpamvu yatumye ayo matora yigizwa inyuma.

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru yavuze ko naho umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ufise abawugize badakwiye,ushobora gukora biciye mu mpinyanyuro z’amategeko hamwe n’ayandi yahinyanyuwe.

Mwomenya ko ayo matora yigijwe inyuma ku ncuro ya kabiri,kuko vyari bitegekanijwe ko aba kw’igenekerezo rya 26 Rusama,hanyuma yungururizwa kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi,naho nyene akaba yasibijwe.

Messages

  • Vyukuri Mufatingingo Ntabandunduka Yorohereza Bose Ataguhengama Kandi Umurwi Cen Warukwiye Gujahamwe Nabatavugarumwe Nareta Muvyaporitike Ibe Umuvyeyi Wabose Kuko Bihindutse Warahengamye Urumvanawe Ko Mpimba Arimbi Mbarira Ceni

  • ivyo nivyo vyofasha amatora kuba ayabose.

  • Uwo Nyamitwe izina niryo muntu ni Nyamitwe koko ikintu cose yamarondera ukuntu yogicisha mumanyanga izongingo bafise be na Ntahorwamiye wiwe zituma CENI ikora abayigize batagikwiye nimba zanditswe mumategeko ko batazitomora ubwo sizo bariko bapfundikaniriza mubiro kwa Nyamitwe. Nyamitwe we, nawe Ndayicariye we, mwe na Ntahorwamiye mumenyeko amaraso ariko araseseka kubera amanyanga yanyu ninda zanyu azobahumirana na shobuja

  • Ikibazo sukuyegeza inyuma,navyone nivyo mugabo muyegezeyo mutanga uwundi mu candidat kuko arico mutumvikanako.

  • EREGA N’AHO AMATORA YUNGURUJWE MUGABO SIYO NYISHU KUKO ABO MURI EAC BAFASHE INGINGO MUGABO NTIBAFASHE INGINGO Y’ABARI MUMYIYEREKANO.

  • None EAC ivyo nivyo yasavye vyonyene? Que dites-vous pour le desarmement des milices? Ayo mategeko yahinyanyuwe yerekeye umurwi CENI ameze gute? Muracunga ntihagire amanyanga akorwa. Nibaza ko ata Reta ishobora guhindura amategeko agenga umurwi CENI inama nhingamateka ataco ibivuzeko.

  • EREGA N’AHO AMATORA YUNGURUJWE MUGABO SIYO NYISHU KUKO ABO MURI EAC BAFASHE INGINGO MUGABO NTIBAFASHE INGINGO Y’ABARI MUMYIYEREKANO.

  • Reta nireke kutujuragiza ngo amakungu yasavye iki canke kiriya twebwe abene gihugu amasinzi namasinzi amamiriyoni namamiriyoni yo muri zone rurale tugomba kwitorera petero nkurunziza vuba na bwango tumushimire uwanka nawe yangare

  • Ego turashima ingingo yafashwe yokuyegeza inyuma ariko igihambaye sico!nikiringo cagatatu tutumvikanako.amakungu adufashe inama zibe kugira imyirekano iveho.none ntawundi mu candidant ahari biziye botanga?abantu nibenshi bapfa kubera icokiringo cagatatu.MANA tabara uburundi.niwewe mucamanza wanyuma utarya ibiturire

  • None ko amategeko mutakiyakurikiza, nta kuntu mwovyuka ejo muvuga muti: CNDD/FDD amajwi yayo ni aya, izoronka abashingamateka aba. Mu makomine ni uku. Uprona, oya ndihenze, CNDD/FDD Con..cilie Nibigira ironse aya, etc. Gutyo ntimuze mwonone amafranga yokoze ibindi kuko murabona ko abazungu babimye ayo kwibisha amatora.
    Umukuru w’ igihugu we biroroshe, ni ukuvuga muti: Nkurunziza yatowe 99, 99%. Abatamutoye ni quartiers zine gusa. None si Musaga, Nyakabiga Ngagara na Mutakura gusa? Zine gusa ndabarahiye!!! Cibitoke, Buterere, Kinama, Kinindo, Kinanira, Kanyosha, Kibenga, Bwiza, Jabe, Bururi, Mwaro, Bujumbura Rural, Kiremba Ngozi... Eka da nta manifestations zigeze zihabera, nta zihabera n’ubu.... Eka ndabarahiye!!!! :)
    Comme ça bica vyoroha :)

  • Ndasaba umukuru wigihugu cacu ahebe iyo mandant.kugira amatora agende neza.impunzi zose zihungunke.abe amatora meza nkuko tuvyifuza.twese dushaka amatora meza.abo nabo bandika bavuga ivyubwoko nibikebuke ntabwoko bukivugwa.ubu bose bapfa inda!nukuri uwuvyandika niyiyumvire.ndasaba abantu bose gusengera igihugu cacu IMANA igitabare.

  • peter ntiyota akomoka ntabona ko ibishetani vyiwe ata jambo bigira

  • Ndatangajwe nukumva Nyamigozi non Nyamitete avuga ngo le 3 e mandat n’est pas tabou. Aho ni kugirango babeshe abarundi ko bemeye negociation ku vya 3 e mandat, hypnotiser les burundais kugire nti tubandanye manifs kugire habe amatora. Murahumba nta amatora azoba, kandi Peter iyo mandat nta negociation ikenewe nta burenganzira ayifitye. Qu’il retire sa candidature sans autre forme de proces

  • mbe nyamitwe arasara sha ni nya mitwe mbega peter yatanze imihoho nda shigikiye kofi anane naho kagame aba dd nibamuveko

  • Mbe willy nyamitwe arakomeye neza?

  • Nyami,sobuja Yavuze Ngo Amatora Azogena Neza Gusumba Ayamaze Kuba Yose,ngo Dukinda Tugaramye Twubama Ubona Ko Nawenyene Bimugora Kuvuga,erega Amatora Aza Yaratanguye Urugendo None Amaze Guhagarikwa Kabiri Kose .Iyo Mukuzimu Niyo Izohava Iba Icabona?

  • Ngira Ndababwire Nimbamutemera Ubuhanuzi Buciye Mubimana Ituma Muragowe Mwaranse Kwemera Ivyo Uryamukozi Yavugishijwe Ni Imana Ntamatora Azoba Hasigaye Amatora Y’ Imana Gusa Ubwenge Bwabobagabo Yabuhinduye Ubupfu Mwibuke Ivyashikiye Ahabu Kurugamba Ntawusumya Imana Ubwenge Tekereza Muyubahe.

  • Murabonyekw’atakidashoboka.hamwe mwavugako naho imana yokwururuka mutopfamwemeyeko asiba kwitarike mwihaye,noneho raba mweye ivyavuzwe nabantu.yemwe ngira bakubise abagomba kurira kubera numvise mwavyemeye ningoga,kumbure namwebwe mwarabonako hanyera mutari kuharengana,nimvo yakanoti siheza.ndabipfurije kuba mwikubuka ntimugume murindira impanuro zabohanze gusa kubera nomugihugu abagabo bariho

  • Amatora ntashobora kugenda neza mugihe peter yokwitoza.Kuko yitoje,ategezwa gutwara kunguvu naho yoba yatsinzwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.