Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatora yegejwe inyuma indwi imwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Amatora yegejwe inyuma indwi imwe

Amatora yegejwe inyuma indwi imwe

mercredi 20 Rusama 2015

Amatora yegejwe inyuma indwi yose, nk’uko vyateweko umukono n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ndetse na bimwe mu binyamakuru mpuzamakungu bikaba vyatanguye kuvyandikako.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe mu gisagara ca Bujumbura, atamigambwe yibonekeza ko iriko iriyamamaza, kiretse iyo migmbwe ibiri, naho nyene mu duce duke. CNDD FDD watanguriye imyiyamamazo muri komine ya Kamenge, mu gihe umugambwe UPRONA ishami rya Conciliya Nibigira nawo wagize imyiyamazo muri komine ya Buyenzi. Amakomine ari mu myiyerekano nka Musaga, Kanyosha, Kinindo, Cibitoke, Ngagara, Nyakabiga na Buterere, akaba atamigambwe iratangura kwiyamamaza.

Hagati mu gisagara ca Bujumbura umugambwe UPRONA uramaze kuhaca mu rugendo, ariko akaba atajambo bahavugiye, uretse kuririmba gusa, umugambwe CNDD FDD nawo, ukaba muri aka gatondo ko kuri uyu wa 20 Rusama, imiduga irimwo bimwe mu vyuma bishikana amajwi kure, igenda irahayagiza uwo bashize imbere mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’izindi ndirimbo zihayagiza uwo mugambwe w’Abagumyabanga. Iyo migambwe nyene, ikaba yibonekeza mbere no hagati mu gihugu.

Tukabamenyesha ko Umukuru w’Uburundi Pierre Nkurunziza yasinye itegeko ryigiza inyuma ho indwi yose amatora y’abashingamateka n’ay’abajenama b’amakomine yari ateganijwe kuba itariki ya 26 za kuno kwezi, inyuma y’aho abatari bake basabiye ko ayo matora yokwegezwa inyuma, mbere n’ishengero Gatorika rikaba ryari ryavuze ko hamwe ayo matora ategejwe inyuma,rizokurayo abaryo bariko bafasha mw’itegurwa ry’amatora.


Aristide Nizigire

Messages

  • ahubwo nibabanze bahagarike imigumuko kugira bizebigendeneza

  • ayo mator azob koko?abant bari mwibarabar ahubw nkurunziz vyamunaniy mvyiyerekany ko mand yiw yahez natange FIFA yaramuhay akaz nagend ninako yingiy ntaberey perezida

  • Nkurunziza sinzi ingorane afise. Ngira yibera mu yindi si tutazi! None inyishu ni ukwigizayo amatora indwi imwe canke ni ugutorera umuti icateye manifestations hanyuma zigahagarara amatora akagenda neza maze hagashirwako ikindi kirangaminsi cumvikanyweko n´abazoja mu matora bose?!!!!

    Ivyo yakoze nta na kimwe bivuze.

  • @ Uwubizi
    N’abandi muri bamwe,erega izo manifestations ni mwebe mwenyene muziha agaciro n’ayandi ma radio yo hanze nka za france 24,aho murajaho mukibazako hari uwo yobuza ico akora,kurya concour yabaye,niko n’amatora azoba,vous vous ridiculisez,vous les al chabab muguma mwiyerekana ,amakungu yabamenye,ntaco abivugako cane ariko mwamaze kumenyekana,jewe ico kintu cotuma turata amatora ngo tuje muri négociations simbona icarico,muzokwikina amatavu amaherezo arahari,ntakitagira iherezo.
    Reka kuza murabesha abatabazi,abo ba terrorristes bari mw’ibararabara ni aba sans echecs na ba sans defaits,nta démocracie bariko bagwanira,nta na mandat ya peter bariko baragwanya,ahubwo bariko baragwanya amatora,bariko bagwanya démocracie na constitution na accord d’Arusha,huuuu,iyo baba bagwanira amatora botanguye imyiyamamazo,no muvyo muvuga kenshi kenshi amatora mwakunze kuvuga ko atazoba,ivyo pancrace yarabivuze,nyangoma,sinduhije,n’abandi batutsi vyagiye bibavamwo,beshera hiyo nta democracie muriko muragwanira c’est votre cauchemar!!
    Ariko rero mumenye natwe ,ubu ntibizoroha ntitugikangwa!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.