Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amazi mu kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ni umuzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amazi mu kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ni umuzi (...)

Amazi mu kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ni umuzi w’ibuye

mardi 15 Ndamukiza 2014

Ikibuga c’inkino citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ntikigira amazi haba mu tuzu twa sugumwe no mu bwogero. Bivugwa ko ubwo bukene bw’amazi bwoba bumaze indwi zishika zibiri.

Ushitse ahari utuzu twa sugurwe turi mu nzu y’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore womenga nta mazi yahigeze, haba mu bwogero nta n’ima rihakoroka. Bivugwa ko iryo kena ry’amazi rimaze indwi zirenga zibiri. Amazi abakinyi banywa canke bakoresha aba yavomwe mu ndobo n’abana twahabonye, abo bakayongera mu bikunguru vyo mw’ishirahamwe Afritank. Aba n’abandi bavuga ko ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu Burundi (FFB) ryoba rifitiye amahera umurengera ishirahamwe ritanga amazi REGIDESO.

Mwomenya ko ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore arico kibuga ca mbere kiri mu Burundi cakira inkino nyishi zaba iz’imirwi y’umupira w’amaguru zo mu Burundi haba n’imirwi ivuye mu makungu ije gukina mu Burundi. Eka si inkino z’umupira w’amaguru gusa kuko kiranaberamwo n’amahiganwa nko kwiruka.

Turiko turagerageza kurondera ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kugira batange umuco kuri iryo kena ry’amazi n’ayo mafaranga y’umurengera boba baheraniye ishirahamwe REGIDESO.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.