Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amazina y’abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari gukina mu gihugu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amazina y’abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari gukina mu gihugu ca (...)

Amazina y’abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari gukina mu gihugu ca Senegal

jeudi 11 Ruheshi 2015

Umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba batanguye imyimenyerezo, aho bariko barayikorera mu gihugu ca Senegal, inyuma y’aho abakinyi bayigize 18 n’umenyereza wabo Ait ABDELMALEK , bashikiye muri ico gihugu.

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bashitse i Dakar mu gihugu ca Senegal kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 9 Ruheshi, bakaba bariko bitegurira kuzotana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Senegal.

Abakinyi 18 b’umurwi Intamba mu Rugamba bakaba barashoboye gutangura imyimenyerezo yo kwitegurira neza urwo rukino, kugira bazokine, bamaze kumenyera ikibuga.

Tubibutse ko Intamba mu Rugamba bazokina urwo rukino kuri yu wa gatandatu, igenekerezo rya 13 Ruheshi, bazohura na LIONS DE LA TERANGA umurwi nserukiragihugu wa wa Senegal.

Abakinyi b’abarundi bagiye guhura n’umurwi wa Senegal akaba ari:

1,BIHA Omar / Vital’o Fc

2. RUGUMANDIYE Yvan / Muzinga

3. KIZA Fataki / LL s4a

4. NKURIKIYE Leopold Kaya / Vital’o Fc

5. HARERIMANA Rashid Leon / LL s4a

6. Idi DJUMAPILI / Vital’o Fc

7. NSHIMIRIMANA David / Vital’o Fc

8. RUGONUMUGABO Stepfane / LL s4a

9. BARENGE Pistis / Vital’o Fc

10. MOUSSA Mossi Hadj / Vital’o fc

11. NAHIMANA Shassir / Vital’o Fc

12. Hussein SHABANI TSABALALA /Vital’o fc

13. DUHAYINDAVYI Gael / LL s4a

14. BIZIMANA Hassan / Inter star

15. NDARUSANZE Claude / Gunners Fc – Bostwana

16. TAMBWE Amissi / Yanga Africans

17. Fiston ABDOUL Razzak / Sofapaka

18. Laudit MAVUGO / Vital’o fc

Ariko rero, abakinyi bakinira imirwi yo hanze y’igihugu ntibashoboye gutumwako, umumenyereza wabo Ait ABDELMALEK akaba abandanya kuremesha abakunzi b’umurwi w’Uburundi, ko biteguye bihagije kandi biteguye gutahukana instinzi.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.