Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amazina y’abakuru b’ibihugu 12 bo muri Afrika boba bipfuza kuguma ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amazina y’abakuru b’ibihugu 12 bo muri Afrika boba bipfuza kuguma ku (...)

Amazina y’abakuru b’ibihugu 12 bo muri Afrika boba bipfuza kuguma ku butegetsi.

jeudi 28 Munyonyo 2013

Abakuru b’ibihugu benshi, bibaza ko ivyo bashaka n’igihugu cose kiba kibishaka. Ibwirizwa nshingiro ryo mu bihugu bitari bike, ntiribibarekurira kurihindura. Eka n’abakuru b’ibihugu 12 vyo muri Afrika bashaka ku rihindura, amategeko ntabibarekurira, mu gihe barihindura kugira baronke ikindi kiringo ku ntebe y’ubukuru bw’igihugu nk’uko bivugwa na Jeunafrique.

Abo bakuru b’ibihugu bo muri Afrika bipfuza guhindura ibwirizwa nshingiro ni aba:


1 Mozambique

Armando Guebuza w’imyaka 70

Amatora azoba muri Ndamukiza 2014

Muri ico gihugu ingingo ya 147 ivuga iti : « Ikiringo co gutwara c’umukuru w’igihugu ni imyaka itanu. Ashobora gusubira kwitoza rimwe rudende ». Armando Guebuza yarasubiye gutorwa kandi mu mwaka w’i 2012 aserukira umugambwe Frelimo, aja ku butegetsi. Ico gihe yavuze ko atazosubira kwitoza ku kiringo ca gatatu. Ariko biranurwanurwa ko ashaka gusubira kwitoza, abanje guhindura ibwirizwa nshingiro.

2 Namibie

Hifikepunye Lucas Pohamba w’imyaka 78

Amatora azoba muri Munyonyo 2014

Ingingo ya 147 yo mw’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu, ivuga ko umukuru w’ihigugu afise ikiringo c’imyaka itanu. Arekuriwe ibiringo bibiri gusa ku ntebe y’umukuru w’igihugu. Hifikepunye Lucas Pohamba, yagiye k’ubutegetsi akwirikira Sam Nujoma, uwo wanyuma yaraciye ku biri n’ibwirizwa nshingiro aritoza ubugira gatatu. Ariko Lucas, nk’umuntu azi amategeko akongera akayakwirikiza asa n’uwutazogira nk’uko uwo yasubiriye yabigize, n’aho binurwanurwa mu gihugu iwe ko yoba adashaka kuva ku butegetsi

3 Centrafrique

Michel Djotodia w’imyaka 64

Amatora azoba mu ntango ya 2015

Amasezerano y’i Libreville, mu ngingo ya mbere avuga ko umukuru w’igihugu adashobora kwitoza kandi, ingingo ya 6 irongera ko umushikiranganji wa mbere co kimwe n’abandi bari mu ntwaro mfata kibanza batarekuriwe kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije.

Michel Djotodia wewe asa n’uko ataco bimubwiye kwitoza mu mwaka wa 2015. Ariko rero, amakungu amushinze ijisho, kandi afise n’amahirwe make yo gutorwa naho yohonyanga ayo masezerano kuko umuhari SELEKA abanyagihugu batawiyumvamwo cane.

4 Tanzanie

Jakaya Kikwete w’imyaka 63

Amatora azoba muri Gitugutu 2015

Ingingo ya 40 na 42 zivuga ko umukuru w’igihugu yicara muri ico kibanza imyaka itanu. Ntarekuriwe namba kwitoza ubugira kabiri. Kikwete yatowe mu mwaka w’i 2005, yabaye umukuru w’igihugu akunzwe mu gihugu. Arashobora kwitwaza ko ashigikiwe na benshi agashaka gusubira kwitoza kuko abamushigikiye babona ko akiri muto. Aho Barack Obama yagendera ico gihugu mu kwezi kwa Mukakaro, abegereye Jakaya Kikwete babona umukuru w‘igihugu wabo ashigikiwe n’amakungu ko naho yosubira kwitoza vyosa n’ibitahuritse.

5 Burkina Fasso

Blaise Compaoré w’imyaka 62

Amatora azoba muri Munyonyo 2014

Ingingo ya 37 ivuga ko umukuru w’igihugu atorwa rimwe n’abanyagihugu bose kandi mw’ibanga. Asubira kwitoza rimwe gusa. Blaise Compaore ntashaka ko hari uwo cisha mu kanwa iryo jambo ry’uko ashaka gusubira kwitoza, ariko amakuru yo kwizera amenyesha ko, inyuma y’amadidane menshi yarafise, ingingo yo kwitoza kandi yoba yamaze kuyifuta.

6 Benin

Thomas Boni Yayi w’imyaka 61

Hategekanijwe kw’amatora azoba muri Ntwarante 2016

Ingingo ya 42 ivuga ko umukuru w’igihugu atorwa rimwe n’abanyagihugu bose ku kiringo c’imyaka itanu, asubira kwitoza rimwe ritarenga. Thomas Boni Yayi yararahiye imbere ya Papa Fransisco, imbere ya François Hollande na Barack Obama kwatazongera kwitoza kandi. Ku vyipfuza singaye, ariko kwivuguruza mu ndahiro yarahiye imbera y’amakungu birashobora kutamworohera.

7 Kongo- Brazzaville

Denis Sassou Nguesso afise imyaka70

Hategekanijwe kw’amatora azoba muri Mukakaro 2016.

Ku bw’ingingo ya 57, umukuru w’igihihugu atorwa n’abanyagihugu, agatwara ikiringo c’imyaka indwi. Asubira kwitoza rimwe rya nege. Denis Sassou Nguesso ntarabigaragaza. Ariko asa n’uwuriko arigaragaza mu bazokwitoza. Mbega azoca mu guhindura ibwirizwa nshingiro ?

8 Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo

Joseph Kabila w’imyaka 42

Amatora ni muri Kigarama 2016

Ingingo ya 70 yo muri ico gihugu, ivuga ko umukuru w’igihihugu atorwa n’abanyagihugu, agatwara ikiringo c’imyaka itanu. Asubira kwitoza rimwe rya nege. Joseph Kabila yaremeje ko azokwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu n’ibiryanditsemwo. Uwo rero azayaramaze kwigiza imbere imyaka ibiri yose ikiringo amatora yobereyeko.

9 Rwanda

Paul Kagame w’imyaka 56

Amatora azoba muri Mukakaro 2017

Ingingo y’i 101 y’aho hakurya y’Akanyaru, ivuga ko umukuru w’igihihugu atorwa n’abanyagihugu, agatwara ikiringo c’imyaka indwi. Ntarekuriwe kwitoza ubugira kabiri. Paul Kagame yama yavuze ko azokwubahiriza ibwirizwa nshingiro. Ubu rero yaratanguje ibiganiro vy’igihugu ku bijanye n’amahoro, umutekano, n’iterambere mu Rwanda, ivyo rero bishobora kumutuma yakwitoza kandi.

10 Burundi

Pierre Nkurunziza afise 49

Amatora ni muri Ruheshi 2015

Ingingo ya 96 yo mw’ibwirizwa nshingiro, ivuga ko umukuru w’igihugu atorwa rimwe n’abanyagihugu bose ku kiringo c’imyaka itanu, asubira kwitoza rimwe ritarenga.

Pierre Nkurunziza, umukuru w ‘igihugu wa mbere inyuma y’intwaro mfata kibanza, ariyobagiza ikiringo ciwe co mu mwaka w’i 2005 kuko yatowe n’abashingamateka n’abakenguzamateka, abo nabo bakaba baserukira abanyagihugu. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakabona, ingingo yo kwitwaza amatora yo mu mwaka w’2005, ari amayeri kugira agume ku butegetsi, ndetse abandi nabo bakabona ko hamwe yorinda yitoza mu matora yo mu mwaka w’2005 yitwaje yatowe n’abaserukira amanyagihugu bakoranye, no mu mwaka w’2020 boshaka bakamureka akibandaniriza.

11 Sierra Leone

Ernest Bai Koroma w’imyaka 60

Amatora ni mu mwaka w ‘2017

Ingingo ya 46 ivuga ko ata n’umwe arekuriwe gutwara igihugu ibiringo birenga bibiri vy’imyaka itanu. Ernest Bai Koroma ategekanya kwitoza irigira gatatu. Naho avyamirira kure, imigambi afise yo guhindura ibwirizwa nshingiro mu kwezi kwa Rusama nta kindi rigamije naho n’abamwegereye bamufasha kubihakana.

12 Liberia

Ellen Johnson Sirleaf w’imyaka 75

Amatora ni muri Munyonyo 2017

Ingingo ya 50 ivuga ko umukuru w’igihihugu atorwa n’abanyagihugu, agatwara ikiringo c’imyaka itandatu. Ntawurekuriwe gutwara igihugu inyuma y’ibiringo bibiri. Uwo mupfasoni arongoye igihugu ca Libiya, yasosewe n’ubutegetsi. Igihe yasubira gutorwa mu mwaka wa 2011, yavuze ko agira asozere igikorwa yari yatanguye. Yategerezwa kwubahiriza ibwirizwa nshingiro akareka kwitoza mu mwaka w’2017 kugira ntihaduke ingorane.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.