Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasavye kuja mu murwi wo kumenya ukuri n’ugusubiza hamwe batanguye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasavye kuja mu murwi wo kumenya ukuri n’ugusubiza hamwe batanguye (...)

Abasavye kuja mu murwi wo kumenya ukuri n’ugusubiza hamwe batanguye kwumvirizwa

mercredi 3 Kigarama 2014

Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu wa 3 Kigarama 2014, abashingamateka n’abakenguzamateka bakoraniye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe kugira bigire hamwe amazina y’abazoja mu mugwi wo kumenya ukuri n’ugusubiza hamwe (CVR : Commission Vérité et Réconciliation).

Nk’uko vyamenyeshejwe na Melchior Nankwahomba, umukuru w’umugwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka bariko biga ayo mazina, abarundi batari bake baritavye akamo kabasaba ko boje muri uwo mugwi CVR, aho akamenyesha ko bakiriye ama dossiye y’abantu barenga amajana indwi.

Uwo mukuru w’umugwi yagarutse ku bikorwa bitari bike bagiye barakora kugira bige ayo madosiye, aho bagize amatohoza kuri abo bantu, yaba mu mibano, mu kazi canke mu buzima bwa minsi yose, kugira bamenye vy’ukuri kamere k’abo bashaka kwitoza kugira baje mu murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira.

Muri ayo madosiye arenga amajana indwi, mirongo itatu n’atatu (33) akaba ariyo bahisemwo, abashingamateka n’abakenguzamateka akaba ariyo bariko bariga mu nama nshingamateka, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, kugira baze gutoramo cumi n’umwe (11) bazogira uwo murwi. Muri abo 33 hakaba harimwo : Clotilde Niragira asanzwe ari umushikiranganji ajejwe gufatana mu nda, Didace Kiganahe, Aloys Rubuka, Liberate Nicayenzi, Musenyeri Antoine Petero Madaraga, umushingwamanza Fabiyano Segatwa, n’abandi. Muri abo harimwo abagabo 23 n’abagore 10.

Inyuma yo gushira ahabona amazina n’imyidondoro y’abo mirongo itatu na batatu batowe, abo nyene baciye baza barahamagagwa umwe umwe kugira ashikirize abakenguzamateka n’abashingamateka imyidondoro yiwe, n’impamvu nyamukuru zatumye umwe umwe wese ashaka kwitoza mu baja muri uwo mugwi wo kumenya ukuri n’ugusubiza hamwe.

Ibikorwa bikaba bikiriko birabandanya mu nama nshingamateka, tukaba duhava tubigarukako mu makuru yacu yo hanyuma. Mu kurindira tubamenyeshe ko ayo mazina ariko yigwa abashingamateka ba UPRONA badahari, kiretse umushingamateka André Ndayambaje hamwe na François Kabura.


Alida Sabiteka

Messages

  • NIBATUVIREMWO ABOBAPORONA IMANA YARAMAZE KUBAKURAKO AMABOKO, ABONYENE NIBO TUZOHERAKO ITOHOZA. NTAKINYA

  • Mbega ga SIHONDI, Aba DD bobo nibo Imana itakuyeko amaboko. Reka turorere Imana iriko irabagaragaza kuko naho mwari mwarabitse ibirwanisho hariko haramenyekana. akari inyuma karahinda.
    Muri rusangi baba aba Porona canke aba DD, harimwo abakoze amahano adasanzwe muri iki gihugu.....! niko nk’uko harimwo abadafise ikibagira..!

  • duhe amazina yabo 33 bose erega aho mutanze inkuru idakwiye

  • Mbemwashatse kugerakuki kuvugakohari abantu 33 mukatubwira amazina yabamwe abandi ntimutibwire amazinayabo, cobariciyumvirocanyu canke nabababwiye ngomuvuge ayomazinagusa?

  • andre ndayizamba yamye ari mpemuke ndamuke muramwibuka kutwaro ya BUYOYA?Atwara IBURURI turizigiye ko agiye gusezererwa muri politique muga Buyoya COUSIN wiwe azoca amutwara muri mari............abagabo nkabo ntakamaro bafise pe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!yopfuma avuga ko yinjiye muri DD kumugaragaro.IBWA NINI NTIZOKWIGERA IBA INYANA Y’INKA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.