Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Hilary Clinton azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu
Amerika: Hilary Clinton azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu
lundi 13 Ndamukiza 2015, par
Hilary Clinton yatangaje icese ko agiye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, mu matora yo mu mwaka w’2016.
Hilary Clinton yahoze ari umunyamabanga mukuru wa Reta zunzubumwe za Amerika mu kiringo ca mbere Barack Obama, akongera akaba n’umutambukanyi wa Bill Clinton yahoze arongoye igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, yatangaje icese ko agiye kuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije mu 2016. Muri ayo matora akazitoza ku ruhande rw’abademokarate. Ivyo umupfasoni Hilary Clinton akaba yabishikirije, kuri uno w’Imana igenekerezo rya 12 Ndamukiza abicishije mu masanamu, yacishije ku rubuga ngurukanabumenyi.
Inyuma y’aho ahiganiwe n’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama agatsindwa mu mwaka w’2008, yari yarahiye ko atazosubira kwitoza ku giti c’umukuru w’igihugu, ariko uko imyaka yagiye igenda ivyiyumviro vyiwe bikaba vyagiye bihinduka buhorobuhoro. Mu cigwa cakozwe, basanze abo bari kumwe mu mugambwe bashobora kumuha amahirwe yo gutsinda ku majwi agera kuri 62 kw’ijana.
Floxella Karire
Messages
13 Ndamukiza 2015, 13:18, par yves
bit bit buriya bill cliton yitwa john so nibaza ko hilary ari la seule candidate akomeye pour le moment ashobora guhiganwa naba republicain
13 Ndamukiza 2015, 17:54, par nduwimana
APU NTA BAGORE BOGUTWARA IGIHUGU!!!!!!!!!!!
4 Rusama 2015, 11:39, par EJIDE
MUMUTORE MWUMVIRIJ IMIGAMBI YIWE KITEZI MBERE IGIHUGU