Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika ibandanya ifatira ibihano igihugu c’Uburusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika ibandanya ifatira ibihano igihugu c’Uburusiya

Amerika ibandanya ifatira ibihano igihugu c’Uburusiya

samedi 22 Ntwarante 2014

Amashirahamwe y’abanyamerika y’amakarata Visa na Mastercard yahagaritse atarinze kugabisha gusubira gukorana n’amabanki y’abarusiya mu kuriha abakiriya bayo muma banki, inyuma yaho ku munsi wa kane Reta ya Obama ifatiye ingingo yogufatira ibihano igihugu c’Uburusiya.

Mw’ibanki Rossia, iri muzafatiwe ibihano n’abanyamerika, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatanu bamenyesheje ko ayo mashirahamwe Visa na Mastercard yahagaritse gukorana n’ayo mabanki batarinze kugabisha.
Ibanki SMP isanzwe icungerwa na Arkadi hamwe n’uwitwa Boris, aho amazina yabo nayo yoba yarongewe ku rutonde rwabo igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika zizofatira ibihano, bavuga ko muri kino gihe umukiriya wabo adashobora gutora amafaranga akoresheje ayo makarata.
Abakiriya bayo mabanki yafatiwe ibihano ntibigikunda ko bagura utuntu bakoresheje ayo makarata.

Ku munsi wa kane, umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika Barack Obama yaramenyesheje ko urutonde rw’abategetsi b’abarusiya bazofatirwa ibihano rugiye kwongerekana, muri abo hakaba harimwo ba nyene amabanki bakomeye begereye umukuru w’igihugu Vladmir Poutine.
Ivyo bihano rero bizotuma Uburusiya butagisubira gukorana n’amashirahamwe akomakomeye yo muri Reta zunzubumwe za Amerika.

Mwomenya ko intanduruko y’ivyo bihano yavuye kw’itegeko ryateweko igikumu na Vladmir Poutine aho akarere ka Crimée kari mu bumanuko bw’igihugu ca Ukraine kagiye gufatanwa n’igihugu c’Uburusiya.


Floxella Karire

Messages

  • Ibihano bifatirwa abataribo barikubifatira Peter NKURUNZIZA hamwe nabamwegereye nibo babikwiye

  • Mbega urya mu freemason obama,ko yigize Imana idapfa,yibaza ga ko atazova ku butegetsi?.

    Erega harya Imana Rurema yoshaka, yomugirira kumwe yagirira umwami w’i Babuloni, Nebukadineza:akamara imyaka 7 arisha nk’ibikoko mw’ishamba !
    !

    Ndanka urunuka abantu nkabo ga yemwe!

  • Au fait ceux qui veulent mettre la Russie aux bans oublient qu’en 2003 ils ont envahi l’Irak au mépris du droit international!les russes ne font que récupérer leur dû. les USA doivent eux aussi se soumettre au droit internatinal il n’y àpas deux poids et deux mesures.D’ailleurs qu’entendez vous par communauté internationale?UN club de pays euro et nord-américains qui qualifient les autres d’États voyous uniquement par qu’ils ne pensent pas de la même manière. Va y costaud poutine toi tu as tout l’arsenal militaire récupère ton due

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.