Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika itegekanya kurungika abasoda 3000 muri Afrika y’Uburengero kurwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amerika itegekanya kurungika abasoda 3000 muri Afrika y’Uburengero kurwanya (...)

Amerika itegekanya kurungika abasoda 3000 muri Afrika y’Uburengero kurwanya Ebola

mardi 16 Nyakanga 2014

Reta zunze ubumwe za Amerika ziteguriye kurungika abasoda 3000 muri Afrika y’Uburengero kugira bagerageze kurwanya ikiza ca Ebola. Bakazofasha mu kwubaka ibigo bishasha vyo kuvuriramwo hamwe no kwigisha abazotwara ivyo bigo.

Nk’uko umwe mu bakuru bo muri Amerika yabivuze, umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, araza kumenyesha kuri uwu kabiri, irungikwa ry’abasoda bashika 3000 muri Afrika y’uburengero mu rugamba rwo kurwanya umugera wa Ebola.

JPEG - 49.1 ko
Barack Obama

Inguvu nyinshi z’abo banyemerika bazorungikwa zikazokoreshwa muri Liberia, kimwe mu bihugu bitatu vyakozweko cane n’ico kiza, hamwe na Sierra Leone na Guinée. Ikigo c’abo basirikare kikazoja ku murwa mukuru i Monrovia.

Barack Obama avuga ko abo basoda bazofasha cane cane mu kwubaka ibigo bishasha vyo kuvuriramwo mu turere twakozweko cane n’ico kiza. Reta ya Amerika nayo ikazofasha mu kwinjiza no kwigisha abantu bazorongora ivyo bigo.

Tubamenyeshe ko ishirahamwe ry’abanyamerika ry’iterambere mu makungu (USAID), ryifatikanije n’ishirahamwe ryitaho ineza y’abana (UNICEF), rizotanga ibikoresho vyo kwikingira mu miryango y’abanyaliberia ishika ku bihumbi amajana ane (400 000 familles) igeramiwe cane n’ico kiza ca Ebola.


Nadège Irakoze

Messages

  • Ebola nagira mukuyirwanya barikuturungikira abaganga bafise amaserimu ninshinge nibinini! Nonekwabasonda bazobabafise zabirende, krashinikove, namasasu wobarumuti wubutse woguhasha Ebola bakoresheje gisoda?

  • nagomba mbaze abo basoda ntabwoba bafise yuko bazohava bandura?nyimba bikingiy bikwiye boraba ingene hokwongerezwa kabiri abo barinzi bafashe no kunkengera (maximum)hashoboka kugir
    .......!!!???!!?? mer6@i love my contry.com?

  • NONE EBORA YAHINDUTSE UMWANSI BARWANYA BAKORESHEJE UMUHETO?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.