Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amerika itewe amakenga n’ihohoterwa ryakorewe abatavuga rumwe na Reta ya (...)
Amerika itewe amakenga n’ihohoterwa ryakorewe abatavuga rumwe na Reta ya Uganda
samedi 20 Ruhuhuma 2016, par
Umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, John Kerry, yamenyesheje ko ababajwe n’ihohotera ryakorewe abatavuga rumwe na Reta ya Uganda mu matora yabaye muri ico gihugu.
Kizza Besigye atavuga rumwe n’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni, asanzwe ari mu bahiganwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu yatawe muri yompi n’abajejwe umutekano bamusanze ku ngoro y’umugambwe wiwe, mu gisagara ca Kampala.
Iryo fatwa rya Kizza Besigye ryakurikiwe n’intureka hagati y’abayoboke biwe hamwe n’abajejwe umutekano.
Reta ya Amerika ikaba yamenyesheje ko ibikorwa vy’igiporisi ca Uganda biteye amakenga, bikagabanya n’ukwizera kw’ugutunganya ayo matora, hamwe n’ibizovamwo.
Ibiharuro vy’agateganyo vyerekana ko Yoweri Kaguta Museveni ari mu kibanza ca mbere, n’amajwi 62 kw’ijana, mu gihe Kizza Besigye atavuga rumwe nawe agira kabiri n’amajwi 33 kw’ijana.
IGIHE
Messages
20 Ruhuhuma 2016, 10:34, par Israeli ntirampeba.
Mbega uwo niwe yagira ahuze abarundi! Emwe ndabwe.
20 Ruhuhuma 2016, 11:57, par INTAGOHEKA
AMERICA MISIYOSE NAMAKENGA KUMATORA YOMURI AFRICA UWOMURI OPOSITION AKOZIKOSA AGAHAGARIKWA KUGIRA BAMUKOREKO AMATOHOZA AMERICA UCAWUNVA NGO DUFISIMPUNGENGE.MURAZOKWIYANDIKISHA MUMIGAMBWE ITAVUGARUMWE NAMARETA YOMURI AFRICA MURATEY ISONI EREGA MURAMENYA KO AFRICA TWIKUKIYE KANDI NAMWEBWE MURAMENYA KO IYOMUKOZ AMATORA ATARI AFRICA YEMEZA KO YAGENZENZE NEZA
20 Ruhuhuma 2016, 15:11, par ??
Mbe bobo bamana AMAKENGA?
20 Ruhuhuma 2016, 17:52, par ernest
Abo banyamerika nibo bateranije abanyafirika Ngo nibatanguze demokarasi mugabo ntanakimwe bashaka gukora kugira iyo demokarisi iterimbere Atari ukwishinga kuvugisha akarimi none ivyo babibagirira mutitegereza jewe mbona mworeka abanyafirica bakirwariza ikirushije ikindi kikakigenderako ntamademokarasi yaraye ngaho nibihendwa bana
20 Ruhuhuma 2016, 21:40, par Cybergitega
Museveni Ni Arabe Atange Imihoho Kuko Uganda Yayikoreye Amabwa Menshi Bibaye Ngombwa Mu Burundi Bazomurungikire Umuhuza Kuko Ateye Ikigongwe
24 Ruhuhuma 2016, 09:07
IGIHE