Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jay-Z yatsinzwe urubanza rwo kwiba amajwi yakoresheje mu ruririmbo"Versus" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Jay-Z yatsinzwe urubanza rwo kwiba amajwi yakoresheje mu ruririmbo"Versus"

Jay-Z yatsinzwe urubanza rwo kwiba amajwi yakoresheje mu ruririmbo"Versus"

vendredi 13 Ntwarante 2015

Jay-Z yatsinzwe mu rubanza yagirizwamwo kuba yarivye amajwi y’umuririmvyi wa Jazz avuka mu gihugu ca Suisse. Ihadabu Jay-Z agiye gutanga ntiriramenyekana.

Umuririmvyi wa "Rap"Jay-Z, yakoresheje amajwi y’umuririmvyi wa Jazz Bruno Spoerri atamusavye uruhusha. Mu ntango Jay-Z yarahakanye ko atigeze akoresha amajwi y’uwo muririmvyi.

Ururirimbo Jay-Z yivye amajwi rwitwa "Lilith - on the way"rwaririmbwe na Bruno Spoerri, rwanditswe mu mwaka w’i 1978. Jay-Z yivye amajwi y’urwo ruririmbo mu mwaka w’i 2013. Bruno Spoerri yabwiye "Agence télégraphique suisse" ko Jay-Z ategerezwa kuzomuriha igice c’amahera ururirimbo "Versus" rumwinjiriza. Urwo ruririmbo nyene ni rwo yashizemwo amajwi yakuye muri"Lilith - on the way" rwa Bruno Spoerri.

Urubanza rwa Bruno Spoerri na Jay-z rwari rumaze umwaka urenga mu minwe y’ubutungane, ariko inyuma y’amezi make, Jay-Z yatevye aremerako yitije agace gatoyi k’urwo ruririmbo. Amaze kuvyemera, Jay-Z yaciye ashaka kumuriha indishi, ariko Bruno aranka kubera amahera yashaka kumuha yari make.

Bruno Spoerri ubu afise imyaka 79, yatanguye kuririmba kuva mu mwaka w’i 1967. Yakoranye n’abitwa Hans Kennel, George Gruntz n’umunyamerika Lee Konitz. Yarongoye isabukuru ya Jazz y’i Zürich hamwe n’amashuri y’umuziki aho muri Suisse nyene.

Umviriza ururirimbo"Versus" Jay-Z yashizemwo amajwi yivye.

Umviriza ururirimbo "On the way" Jay-Z yakuyemwo amajwi yakoresheje muri "Versus"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.