Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Ku myaka 11 ahejeje kaminuza n’impapuro z’umutsindo zitatu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amerika : Ku myaka 11 ahejeje kaminuza n’impapuro z’umutsindo zitatu (...)

Amerika : Ku myaka 11 ahejeje kaminuza n’impapuro z’umutsindo zitatu zitandukanye

mercredi 27 Rusama 2015

Taanishq Abraham ahejeje kaminuza afise impapuzo z’umutsindo zitatu zitandukanye mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Uwo mwana w’ubwenge butangaje avuka mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,mu gisagara ca californie.,Afise imyaka cumi yaronse ikete ryo kumukeza ryanditswe na Barack Obama .

Mu mwaka umwe gusa arahejeje kaminuza. Igihe hariko haba ibirori vyo gutanga impapuro z’umutsindo kw’ishuri ryitwa American River riri mu gisagara ca Sacramento ,abavyeyi biwe n’abo bavukana bose bari bahashitse.

Hejuru y’impapuro z’umutsindo mu bisata bitandukanye (sciences mathématiques et physiques, la science générale et des études de langue) ,umuryango wiwe wamuhaye n’umudari w’umunwamazi.


Bill Nkurunziza

Messages

  • Ntibitahuritse!Iyo myaka11 niy’amavuka canke niyoyamaze ku ntebe y’ishure?Ahohantu umwana atangura ishure afise imyaka ingahe?Ikindi,umwaka w’ishure iwabo umara amezi angahe?Nshaka inyishu.

  • Imana imuhezagire Muvyo Akora vyose

  • Muri USA...hariho des ecoles pour surdoués. Aho rero on vous donne la matière, on vous evalue au fur et a mesure ko uheza.. ntavyo kuvuga ngo umwaka.. Nicogituma mudahereza rimwe mwese...N’amashuri speciales pour surdoués

  • Rekatuvugeko yatanguye ishure afise imyaka 3 primary kuvamuwambere gushika mumwaka wagatanu iyonimyaka 5 middle School kuvamumwaka wagatandatu gushika mumwaka 8 iyonimyaka yindi 3 High School kuvamumwaka wa cenda gushika mumwaka wacumi nakabiri iyon’imyaka yindi 4 ahohonyene hararenze iyomyaka 11 ndabona inkuru itamazeyo kuko mwarikuvugako yabaye igitangaza bigatuma nkomumwaka umwegusa basanga afise ubwenge butuma bacabamusimbisha nkamashure 3 muyindimywa guryo kugezayaho primary ayigamwo umwaka umwe middle school umwaka umwe high school umwaka umwe university umwaka umwe gurtyo gurtyo.

  • Niba iyo nkuru ari ukuri iratangaje waruzi ino iwacu bishitse abavyeyi bawe bakabona ufise ubwenge budasanzwe babagusimbisha umwaka umwe gusa naho woba uhejehe licence bakabimenya nta diplome baguha ndazi umuntu vyashikiye ngira vyatubera icigwa

  • Iyonkuru Nimba Ariyukuri Biratangaje.Kuba Obama Nawe Nyene Yamukeje Natwebwe Ntaworeka Kumukeza Mukumubwira Duti Félicitation.

  • Iyonkuru Nimba Ariyukuri Biratangaje.Kuba Obama Nawe Nyene Yamukeje Natwebwe Ntaworeka Kumukeza Mukumubwira Duti Félicitation.

  • While this is pretty cool, and I don’t doubt the boy’s intelligence, this story doesn’t say much for our education system. It also doesn’t send a very good message. If this kid can graduate high school without ever even going to junior or senior high school, what is the point of anyone going? Then he took college classes without earning his diploma or even being enrolled anywhere for it. Our diplomas and degrees are based on test scores and not learning, and definitely not putting in the time and effort, it seems. Also, how is it even possible that one person earned three separate AAs (generally two-year degrees) in such a short time? There’s no way he could have taken all the necessary units even if he was a full-time student. This is ridiculous.

  • Ntibitangaj!nne ko bimuka mumwaka kabiri!arko ino iwacu mur africa ntivyokunda!

  • mansoge du soir, yize primaire na secondaire ryari? yayigiye munda kwanyina?

  • Biratangaj ariko tweho turets n’itunganywa ry’ivyigwa kaminuza zacu zamira muri greve. kuziga bisa no kurima ikivi kirimwo ivyatsi vy’urwiri

  • Nivyiza Pe!Atari Twebw Abana Bacu Baguma Baburabuzwa Kuber Inda Ndende Zaba Banyepolitike.Arik Bameny Ko Uwanka Agakura Abaga Umutavu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.