Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: kwagura urudandazwa biteganya gutangura mukwezi kwa (...)
Amerika: kwagura urudandazwa biteganya gutangura mukwezi kwa gatandatu
jeudi 14 Ruhuhuma 2013
Ibiganiro hagati y’ishirahamwe rya Bulaya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku kwagura urudandazwa biteganya gutangura mu kwezi kwa gatandatu.
Intumbero yabo ngo n’ukugabanya amakori n’ayandi mategeko mu buryo vyokoroha guhanahana ibidandazwa muri rusangi.
Umukuru w’inama y’ishirahamwe rya Bulaya, Jose Manuel Barroso, yavuze ko ayo masezerano agiye guhindura ibintu ku buryo urudandazwa rwiyongera ko miliyoni ziharurwa mu mirongo z’amadorari.
Ngo bizotuma kandi haboneka ubuzi bushasha buharurwa mu bihumbi ku mpande zompi.
Ariko umunyamakuru wa BBC akurikirana ivy’ishirahamwe rya Bulaya avuga ko ikizobagora kumvikanako ari ikijanye n’uburimyi.
Impamvu ngo n’uko izo mpande zompi zikingira cane igisata c’uburimyi.
Joel Sengurebe