Accueil > Inkino > Amahiganwa > Amerika: Lance Armstrong yemeye icaha
Amerika: Lance Armstrong yemeye icaha
samedi 19 Nzero 2013
Abakinyi ba kera nabo muri kino kiringo bakomeye mu nkino zo kunonora imitsi bari kumwe n’abakuru muvyo inkino biyamirije umunyamerika yahoze ari uwa mbere mu rukino rwo guhiganwa ku makinga Lance Armstrong,inyuma yaho yemereye ko yakoresheje imiti itemewe n’amategeko.
Mu gihe Armstrong yemera ko yakoresheje imiti itemewe igihe yahiganwa n’ikinga,abatari bake bagize ico bashikirije kuri ivyo.
Umukinyi wa mbere kw’isi mu rukino rwa Tennis Djokovic yavuze ko Armstrong akwiye kurihishwa ivyo yakoze,umwongereza nawe yigeze kuba uwa mbere mu rukino rwo guhiganwa ku makinga Nicole Cooke,wewe yavuze ko Armstrong yari akwiye kuvuga n’abandi babikoranye.
Ishirahamwe ry’ihiganwa ry’amakinga kw’isi UCI ryavuze ko kuba Armstrong yemeye ivyo yakoze ari intambwe ifise intumbero yo kugarukana icizere mu rukina rwo guhiganwa ku makinga.
Mu kiganiro yahaye umumenyeshamakuru Oprah Winfrey, Lance Armstrong yavuze ko asavye imbabazi kuko ngo iyo miti yayikoresheje mu mahiganwa 7 yose yagiriye m’u Bufaransa ariko ngo akaba yabona ko atari icaha kuko n’abandi bakinyi barafata iyo miti.
Twobamenyesha ko Lance Armstrong yamaze kwamburwa imidari indwi yatsindiye m’u Bufaransa hamwe n’umudari wa Bronze yaronse mu nkino Olympique.
Grace Irimbere