Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika ntiyakiriye neza ingingo yafatiwe amashirahamwe cumi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika ntiyakiriye neza ingingo yafatiwe amashirahamwe cumi

Amerika ntiyakiriye neza ingingo yafatiwe amashirahamwe cumi

mercredi 25 Munyonyo 2015, par egide

Ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi ntibwakiriye neza ingingo y’ukuguhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe cumi iheruka gufatwa. Ubwo buserukizi bumenyesha ko kubandanya kubangamira uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro bitorohereza ibiganiro n’umwumvikano, ivyo navyo bikaba bitandukanye n’ivyo abarundi bashaka.

Inyuma y’aho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bufatiye ingingo y’uguhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe cumi adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi, ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe mu Burundi bumenyesha ko butewe umwitwarariko n’iyo ngingo y’uguhagarika ayo mashirahamwe, hamwe n’ukwugara ububiko bw’amafaranga y’ayo mashirahamwe.

Ubwo buserukizi bumenyesha ko iyo ngingo ibangamira ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, igasubiza inyuma Uburundi mu bijanye n’inzira y’ibiganiro hamwe n’ukurondera amahoro.

Kubwa Amerika, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ni nkenerwa cane, kandi yahora akorana na Amerika mu migambi y’iterambere, mu gisata c’indero hamwe n’ukubaho neza. Ubuserukizi bwa Amerika bukamenyesha ko bufise amakenga ko iyo migambi ishobora kutabandanya kubera iyo ngingo y’uguhagarika ayo mashirahamwe.

Amashirahamwe yahagaritswe ni :

APROHD : Association de Protection des Personnes Détenues et des Droits
de l’Homme)

FORSC : Forum pour le Renforcement de la Société civile

FOCODE : Forum pour la Conscience et le Développement

PARCEM : Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités

Maison SHALOM

ACAT : Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture

Fontaine ISOKO

SPPDF : Synérgie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme

AMINA : Amicale des Militaires en Non Activités

RCP : Réseau des Citoyens Probes


IGIHE

Messages

  • eeeehh!! amashirahamwe 10 none akora iki atari ukuryanisha abanyagihugu, ubonye iyaba yari ajejwe uburimyi n’ubworozi ukuntu vyoteza igihugu imbere. none ko muRwanda ata mashirahamwe nkayo abayo birabujije urwanda guterimbere. mwarabonye igihugu beneco badakunda muca musimbiramwo kubacanishamwo,mugendeye kuri faiblesse zabo zokutagira patriotisme. none ayomahera yagera mubanyagihugu canke yategura gutembagaza ubutegetsi no gukwegera akaga abanyagihugu.

  • Mwabavyeyimwe ndazikomutayibewe ukuburundi bubayeho mwitumbira nkakantukamwe ayomashirahamwe yakoze kiterambere kuvuyumwaka utanguye? Nihagira uwukavuga incandababaza impamvu uburundi barimubihugu vyambere bikenye kw’Isi kanditwaridufise ayomashirahamwe.

  • niba atari karondwa nga arongogwe nabadya nyene tuzi amerika izokorana nayandi yemewe na reta kiretse gusu yari yashinzwe nayo

  • Izongingo ziteranyuma, ntawe zitotangaza afise ubwenge bukwiye. uguterimbere mwikigihugu cu Burundi birikure nkukwezi ,ndavye uburyo amashiramwe atotezwo ni biteyisoni cane, mubindi bihugu biteyimbere usanga bitejwi mbere nayo mashirahamwe ,candi icobahanuye Reta igishira mungiro. ayo mashirahamwe, usanga ashika mumajana 300 usnanga yu baswe na reta. ariko twebwe nukubirukako na masase nihuburundi bwahombeye.

  • America nize irebe abateroriste twafashe yongere irabeko atabo yahora irondera boba barimwo hanyuma ndazi PNB yacu irashoboye kuzobabaza uwabarungitse iburundi kuko turabizi mubabarungitse nabonyene bomumashirahamwe hamwe na basindumuja na rajabu nakare wewe naba isiramu biwabo
    Barundi benewacu virahasi rimwe mukorere igihugu canyu mugucungera umutekano wigihugu cacu reba batanguye kuzana abihevyi muburundi abonabo haba mwisoko ,mumasengero,kumavuriro..... Ntaho badasesa amaraso kandi ntibatoranya ubwoko ,umugambwe ,intara.

  • komerezaho ayonyene niyo atubujije amahoro ugara gose aho niho amerika icisha amahera yokugura ibirwanisho vyokumara abenegihugu no kugisambura mbega america ibona kayo mashirahamwe cumi ariyo ari muburundi yonyene ntayandi bokorana? twarabahinyuye nibahanure bakore ivyo biyemeje igihe bemererwa gukora canke basabe ayo mashirahamwe ahinduke imigambwe ngo ntibaharanira ivya protike mugabo vyarabarenze binjira no mubwicanyi birabaje obama uduhoriki? nwanisha abarundi mureke kubateranya kugira ngo mushike kuvyo mwifuza mubanje kumena maraso IMANA irababona naho mwiira ibihangange IMANA niyo nkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.