Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Obama yoba yahagaritse kunywa itabi kugutinya umugore (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amerika : Obama yoba yahagaritse kunywa itabi kugutinya umugore (...)

Amerika : Obama yoba yahagaritse kunywa itabi kugutinya umugore wiwe

mardi 24 Nyakanga 2013

Biciye ku majwi yafashwe i New York bitari vyitezwe, Barak Obama, umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika, umwe mu bihangange bikomeye kw’isi yaraye yemeye ko yahevye kunywa itabi « kugutinya umugore wiwe Michelle Obama ». Aho hari inyuma y’inama y’abategetsi bo mu Leta nzunze ubumwe z’Amerika yariko iraba ku muhingamo wo kuri uyu mbere wa 23 Nyakanga 2013.

Inyuma y’iyo nama, bagihagaze aho, niho umwe mu bategetsi yabaza Barak Obama ko yabo yarahagaritse kunywa itabi, mu gihe bimwe mu vyuma bifata amajwi bitari bwazimwe, nawe aca abishura amwenyura ati : « Oya, narahagaritse kunywa itabi, haraciye imyaka itandatu, kubera ntinya umugore wanje ».

Imigenderanire yiwe na Michelle Obama n’uguheba itabi bikaba vyaranejereje abatari bake, na cane cane ibimenyeshamakuru vyo muri Leta nzunze ubumwe z’Amerika, mu myiyamamazo yo mu mwaka w’ 2008, mu kiringo ciwe ca mbere co kwitoza kuba umukuru w’igihugu.

Mwomenya ko mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2010, umuvugizi wa Michelle Obama, ico gihe, yari yamenyesheje ko Barak Obama yari amaze amezi icenda atanywa itabi. Barack akaba yari azi ko guhagarika kunywa itabi rwari « urugamba » kuriwe, mu gihe yari afise imyitwarariko itari mike, ariko ko yashoboye gutsinda intambara kuko yari umuntu « adashoboka ».

Michelle Obama nawe, yari yemeje mu kwezi kwa kabiri umwaka w’2011 ko hari haciye umwaka umunega wiwe Barak Obama adasogose kandi itabi. Aca avuga ko ico kibazo atazosubira kugicisha mu kanwa ari kumwe n’umunega wiwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.