Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umunyamerika yaciye umutwe umwe mubo bakorana
Amerika : Umunyamerika yaciye umutwe umwe mubo bakorana
samedi 27 Nyakanga 2014
Muri Amarika aho bita Oklahoma, umugabo w’imyaka 30, yishe umwe mubo bakorana amuciye umutwe imbere yo gukomeretsa uwundi. Igipolisi gitohoza (FBI) nico kiriko gikora amatohoza kuri ubwo bwicanyi.
Kur’uyu wa kane uheze, mu gisagara ca Oklahoma, umunyamerika w’umwirabure wo mw’idini ya islamu, Alton Nolen, yari yaragerageje kuzana abo bakorana muri iryo dini ryiwe, yaragiye mw’ishirahamwe yahora akoreramwo “ Vaughan Foods”, ahicira akoresheje imbugita uwo bakorana w’imyaka 54, Colleen Hufford, amuca imutwe.
Munyuma ahitana uwundi yahakorera, Tracy Johnson, w’imyaka 43, aramucumita kenshi, imbere y’uko Mark Vaughan, umuyobozi w’iryo shirahamwe, ahamagawe n’akaruru, aza gutabara, acarasa uyo mwicanyi. Uwacumiswe n’uwacumise bakaba bajanywe kwa muganga. Igipolisi kikakaba kirindiriye ko Alton Nolen asohoka ibitaro kugira.
Nadege Irakoze
Messages
28 Nyakanga 2014, 10:16, par Barusasiyeko
Ivyo Bisa Nivyo Muburundi Kukagera
29 Nyakanga 2014, 05:43, par Rukoko
Nikosha Barunaasiyeko, kutiyumvamwo ubutegetsi bwomugihugucyawe Sununu ugerekaho ibibibyose nibibabigaragaraneza kobutabikoze, nkokuvuga amabi akorerwamu kagera ukacyuvuga ngonuburundi njenibazako arurwango ufitiye twebanyarwanda turigushyira? Egomufisibibazo mwihariye byakarimi aritwe nakumiro!