Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika : Umurundikazi yahawe agashimwe na Reta zunzubumwe za (...)
Amerika : Umurundikazi yahawe agashimwe na Reta zunzubumwe za Amerika
mercredi 30 Mukakaro 2014
Umurundikazi asanzwe aba muri Reta zunzubumwe za Amerika yahawe agashimwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Barack Obama, ashirwa mu bantu bazana ihinduka mu gisata c’uburimyi bwa Reta zunzubumwe za Amerika.
Fabiola Nizigiyimana yahawe agashimwe k’uko ateza imbere igiterwa c’irengarenga muri Reta zunzubumwe za Amerika, akaba yatowe mu bantu 15 batewe iteka batumirwa kuri uwu wa kabiri mu birori vyabereye muri Maison Blanche, ahasanzwe hakorera umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika, Barack Obama. Ivyo birori vyatunganjwe mu ntumbero yo gushimira abantu bazana ihinduka mu gisata c’uburimyi muri Reta zunzubumwe za Amerika, abo bantu bakitwa " Ivyizigiro vya kazoza mu burimyi bwa Reta zunzubumwe za Amerika "
- Fabiola Nizigiyimana yahawe agashimwe k’uko ateza imbere igiterwa c’irengarenga muri Reta zunzubumwe za Amerika
Nk’uko tubikesha insamirizi WBUR isamiranira mu gisagara ca Boston, uwo mupfasoni Fabiola Nizigiyimana, kuva aho ashikiye muri Amerika yaritayeho igiterwa c’irengarenga, arigisha n’abandi banyagihugu barenga 232 b’abarimyi ukuntu borima ico giterwa n’ukuntu bagikinjika.
Mu mwaka w’2013, yaciye ashinga koperative yigishije abo banyagihugu ukuntu boronka umwimbu mwinshi babicishije mu burimyi. Nk’uko uwo mupfasoni w’umurundikazi, Fabiola Nizigiyimana yabandanije yiganira iyo nsamirizi WBUR yo mu gisagara ca Boston, avuga ko akorana cane cane n’amazu y’uburiro (Restaurent), ayo nayo akamufasha mu bijanye n’ubuhinga bwo gutekera izo rengarenga. Kuri we rero, umunezero ni wose kubona ashoboye gukora ikintu kigirira akamaro igihugu camuhaye ubuhungiro.
Tubamenyeshe ko umurundikazi Fabiola Nizigiyimana yavuye mu Burundi mu bihe vy’intambara igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, ahungira mu Rwanda, mu nyuma aja muri Tanzaniya, aho yamaze imyaka cumi. Avuye aho muri Tanzaniya yaciye aja muri Reta zunzubumwe za Amerika.
Egide Nduwimana
Messages
30 Mukakaro 2014, 13:00, par Apecoev Safavo
Murakoze kuri iyo nkuru nziza mutugejeje ko. Uyo murundikazi n’aho ari mu buhungiro yahesheje iteka abakenyezi bose bo mw’isi na cane cane abarundikazi bari mu Burundi. Yerekanye ko abarundikazi bashoboye kwiteza imbere mu gihe bari mu mutekano. Abanyapolitiki b’abarundi, nibaharanire amahoro n’umutekano vya bose badakumira, umukenyezi w’umurundikazi nawe yo nkingi y’iterambere ry’igihugu n’urugo, akore ico yarewe.
30 Mukakaro 2014, 13:22, par gicocoro
Imana ikomeze kumwongera imbaraga zo gukora iyo mirimo,imwongere nimigisha kuruta!
30 Mukakaro 2014, 13:44, par Bazirutwabo Cyprien
Fabiola Turagukeje Kubona Utubereye Ambassadeur Muri Amerique .Komera Cane.
30 Mukakaro 2014, 17:19, par Birahinduka
Wow wow!!Uyo murundikazindamukeje kabisa.N’iyirambire mbere akomeze ahagararire igihugu camwibarutse kuko agiteje iteka.
30 Mukakaro 2014, 17:39
iyo nkuru ni nziza ku barundi n,abarundikazi.abantu bakenye batokenye.uwo yari gushobora no kubikorera i burundi!
30 Mukakaro 2014, 17:42, par MARTIN
iyo nkuru ni nziza ku barundi n,abarundikazi.abantu bakenye batokenye.uwo yari gushobora no kubikorera i burundi!
30 Mukakaro 2014, 20:52, par Uwimana cyriaque
imana iguhezagire ncuti nziza fabiyora, kubona washoboye kwerekana icushoboye mumaso yabitwa ko bakomeye. Ndagutey ndagukeje, Bigishe no kurima igiterwa cumwumbati naco baze barayihekenya.
30 Mukakaro 2014, 21:09, par UMWAMI
Fabiola ndagukunze caane gose,ufise ishaka cokimwe numufasha wanje,nawene yitwararika ibikogwa vyurugo nkuko kwawe,niyomba ntari hafi y’urugo nsinjugajuga ngo hari ivyokwononekara,aritwararika ibanga ryiwe nukuri,none nawe ndaguteye intege komerezaho mufasoni,umushingantahe wawe agume agushigikira murirya shaka ufise.turasavye ikinyamakuru igihe muzoduhe umwirondoro wiwe wose,aho yavukiye,izina ryuwobubakanye,abana afise,muzoba mukoze,bizoduter’intege!!.
30 Mukakaro 2014, 21:40, par kadogo
Nivyishimo cane kubarundi apana nkabamwe badutekeje basubiza igihugu inyuma !!!nukomeremuvyeyi
30 Mukakaro 2014, 21:59, par Nwari
Jewe nama ndababwira koAbo baba DD atari abahutu atari abatusi atari nabarundi ???abantu bagaharira .raba umuhutukazi wumurundi wukuri adateye amazi yama afise ivyiyumviro’bimuteza imbere eka nabandi. Nihigarire uwubarira ko abadutwara ubwoko bwabo ???? Abantu barushwa imwenge ’aba bebe
31 Mukakaro 2014, 13:50, par Caritas
Iyo ntambwe irahimbaye cane.
Nk’uyo mupfasoni niwe yofasha abandi gutera imbere mukubungura ivyiyumviro hakuguma mu vyiyumviro ataho bishika. Vyose birashoboka biva kuntumbero hamwe n’umwete (la determination) tutibagiye kuguma mu neza (rester positif). Nizeyeko azotwereka ingene baziteka bivanye naho umuntu ari.
Komera mupfasoni!
umurundikazi.
1er Myandagaro 2014, 13:52, par Iyumenya
komera sha rwose wagize neza kuko werekanye ko abarundikazi bazi gukora kandi ko harivyo dushoboye gukora.Nkwisabire kimwe gusa :gerageza guhanura babandi biyita Musuhura power bareke kuvuga amatiku gusa baze barandika inkuru kizi zo kwiteza imbere.Komera
4 Myandagaro 2014, 14:38, par MASABO Léonard
NIZIGIYIMANA ndagukeje cane kuri ako gashimwe waraye uhawe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika,waraye umenyekanishije UBURUND Imu makungu uraserukiye abarundi bene wanyu mukwerekana ko atari abantu bashoboye indyane za politike gusa ahubwo ko bashobora gukora n’ibindi nk’ibikorwa vy’iterambere.Sagarara utere imbere nk’umuzinga!
15 Munyonyo 2015, 22:11, par Félix
Nivyizakobarons
27 Kigarama 2015, 19:06, par ninganza claude
Umurundikazi ni nyina w’urugo. turamushimiye ko yagumije akaranga.
27 Kigarama 2015, 19:07, par ninganza claude
Umurundikazi ni nyina w’urugo. turamushimiye ko yagumije akaranga.