Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Uwundi mwirabure yishwe n’igiporisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Uwundi mwirabure yishwe n’igiporisi

Amerika : Uwundi mwirabure yishwe n’igiporisi

jeudi 7 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Uwundi muntu w’umwirabure yarashwe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu wa kane, mu ntara ya Minnesota muri Reta zunze Ubumwe za Amerika. Agize kabiri arashwe n’igiporisi mu masaha 48

Uwo muntu yishwe ni umudereva yari atwaye umukunzi wiwe mu modoka yabo, akaba yahagaritswe n’igipolisi mu karere ka Falcon Heights, itara rimwe ryo ku ruhande rw’inyuma ku muduga wiwe rikaba ryari ryamenetse.

Abajijwe uruhusha rwiwe rwo kugendesha umuduga, yaramvuye ukuboko kwiwe ashaka kurondera urwo ruhusha inyuma mu modoka. Uwo muporisi akaba yaciye amurasa amasase ane aho nyene, imbere y’umukunzi wiwe Lavisha Reynolds, hamwe n’umwana wabo bari kumwe muri iyo modoka.

BBC ivuga ko Lavisha Reynolds yagumye yerekana ivyo vyariko biraba ku rubuga rwa facebook.

N’aho iyo video yamaze gukurwako kuri facebook, abantu babandanije kuguma bayishirako.

Iyo video yerekana Philando Castile ariko arava amaraso mu gikiriza, mu gihe uwo muporisi nawe yagumye amurabishijeko inkoho yarikanuye. Mu nyuma iyo video yerekanye Philando Castile acikanye, uwo muporisi nawe ahagaze aguma atera ubwoba Lavisha Reynolds ko ategerezwa kugumiza hamwe amaboko yiwe, bitabaye ivyo, nawe akamurasa.

Mu nyuma, umupfasoni Lavisha Reynolds n’umwana wiwe baciye bajanwa ku kirindiro c’igiporisi.

Philando Castile yari afise imyaka 32, akaba yari uwurongoye abandi mw’ihoteri itegura imfungurwa z’abana bo kw’ishure rya Montessori.

Lavisha Reynolds yavuze ko uwo mukunzi wiwe yarashwe yari afise uburenganzira bwo gutunga inkoho.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.