Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amerika yafatiye ibihano ku ncuro ya mbere umutegetsi wa RDC
Amerika yafatiye ibihano ku ncuro ya mbere umutegetsi wa RDC
vendredi 24 Ruheshi 2016, par
Reta zunze ubumwe za Amerika zafatiye ibihano umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Kinshasha, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo, akaba yagirizwa ko yishe abanyagihugu.
Amerika yagiriza iyo ntwazangabo mu giporisi izwi kw’izina rya Général Celestin Kanyama hamwe n’abaporisi arongoye, gutera icuka gituma haba ubwoba mu banyagihugu ba Congo, mu gihe ico gihugu cimirije kuja mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa Kigarama 2016.
- Général Celestin Kanyama, umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Kinshassa
Mu bihano yafatiwe, amatunga yiwe yose ari muri Amerika yafashwe, kandi n’abanyamerika babujijwe kugiranira umugambi uwariwo wose nawe muvy’ubutunzi.
Amerika ivuga ko igiporisi kirongowe na Général Celestin Kanyama cishe abantu 40, igihe cariko gihangana n’abiyamiriza ukugomba kwitoza kw’umukuru w’igihugu Joseph Kabila mu kindi kiringo. Muri abo bapfuye, hakaba harimwo abana n’abagore.
Igiporisi arongoye cagirizwa kandi na Amerika ko ciraye mu mazu y’abanyagihugu batavuga rumwe na Reta i Kinshasa, kirabakubagura.

Abantu bagera kuri 50 barishwe, abandi baharurwa muri 30 baraburirwa irengero ryabo, vyose bikaba biri ku gatwe k’intwazangabo Celestin Kanyama n’abaporisi arongoye mu gisagara ca Kinshassa.
IGIHE
Messages
24 Ruheshi 2016, 07:42, par MUYAHUDI
AHUBWO NIMUMUFAT APFUNGW IYONINKOZIYIKIBI! KWICA ABANYAGIHUGU BANGANA UKOKWOS! NAKAMARAMAZA
24 Ruheshi 2016, 08:30, par Morodikayi Jon
Nibamukomeshe uwo mumenja, kuko iyo mitungo niyo yanyaze abanigihugu.
25 Ruheshi 2016, 00:12, par kaze
Mbega ibitera soni: Mbe abo banyamerika bigize surivu canke kuba police wisi yose?? ninde wabibashinze?? None bo iwabo ni shasha? Hari iyindi leta irafatira ibihano umutgetsi wabo kuvyo yakoze nabi?? Ukwibona gusa!!!! Nibaje hiyo twarabahinyuye iyo mihimbiri!!!Ahubwo nibo bari bakwiye guciribwa imanza z’ibibi bakorera isi yose. Iyo mikoma!!!!
25 Ruheshi 2016, 00:12, par kaze
Mbega ibitera soni: Mbe abo banyamerika bigize surivu canke kuba police wisi yose?? ninde wabibashinze?? None bo iwabo ni shasha? Hari iyindi leta irafatira ibihano umutgetsi wabo kuvyo yakoze nabi?? Ukwibona gusa!!!! Nibaje hiyo twarabahinyuye iyo mihimbiri!!!Ahubwo nibo bari bakwiye guciribwa imanza z’ibibi bakorera isi yose. Iyo mikoma!!!!
26 Ruheshi 2016, 20:07, par Irankunda
Ndumiw pe!