Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yagirijwe gushaka guhirika ubutegetsi bwa Venezuela
Amerika yagirijwe gushaka guhirika ubutegetsi bwa Venezuela
jeudi 19 Rusama 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Venezuela, Nicolas Maduro, yagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika gushaka kumukura ku butegetsi no gushigikira ibikorwa bitera umudurumbanyo muri ico gihugu.
Umukuru w’igihugu Nicolas Maduro yabivuze mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, aho yagiriza Amerika kuba iri inyuma y’umugambi wo kumurwanya, nk’uko BBC yabitangaje.
- Umukuru w’igihugu wa Venezuela, Nicolas Maduro
Muri ico gihugu ca Venezuela haheze iminsi haba imyiyerekano y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nicolas Maduro, inyuma y’aho atangaje ko adashigikiye amatora ya kamarampaka asabwa ko yemeza namba uwo mukuru w’igihugu yovanwa ku butegetsi, muri ico gihugu kiri mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi.
Muri iyo myiyerekano abatavuga rumwe nawe bamazemwo iminsi, umukuru w’igihugu Nicolas Maduro yatanze itegeko ry’iminsi 60 y’ibihe bidasanzwe, yongera abasirikare n’abaporisi ububasha bwo guhangana n’uwushaka kwiyamiriza ingingo yafashe.
Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta, Henrique Capriles, yahamagaje imyiyerekano igana ahakorera umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CNE), i Carcas.
Igiporisi ca Venezuela carashe mu bari mu myiyerekano ivyuka bikoroza amosozi, mu gihe bariko basaba ko hoba amatora ya kamarampaka yo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu Nicolas Maduro.
IGIHE
Messages
19 Rusama 2016, 18:40, par LEON CHERIF
kumbe dayimoni zateye isi?niwacu iburundi nuko kuvyagenze niyombare yagize indandende ahendwa nabimigumuko ngo fata igihugu,muri bamwe bagira mubigendajuru hari uwambwiye ko bahuriye na niyombare mukirere kubirometero 100 ayerera none mwebwe muhangara uburundi bayiii!