Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yasabwe gusubiza amafaranga yatswe abategetsi ba FIFA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amerika yasabwe gusubiza amafaranga yatswe abategetsi ba FIFA

Amerika yasabwe gusubiza amafaranga yatswe abategetsi ba FIFA

jeudi 17 Ntwarante 2016, par egide

Amerika yasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) ko yoriha amahera agera ku miriyoni 200 z’amadorare zatswe abategetsi ba FIFA batawe muri yompi.

Abayobozi ba FIFA bavuga ko iryo shirahamwe ryarenganijwe, bakaba bashikirije ibirego ku mushingwamanza mukuru wa Amerika.

Muri iryo shirahamwe basaba ko bohabwa amafaranga agera ku miriyoni 200 z’amadorare zatswe abategetsi ba FIFA bemeye ko bariye ruswa.

Umukuru mushasha wa FIFA, Gianni Infatino yamenyesheje ko ayo mafaranga yatswe FIFA mu buryo butubahirije amategeko, agasaba ko iryo shirahamwe ryoyasubizwa.

JPEG - 125.7 ko
Gianni Infatino

Amerika ikaba iriko irakora igendereza ryo ku rwego rwo hejuru kuri abo bategetsi ba FIFA.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.