Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Amri Pro yoba akorera mu buhinyanyuzi bwinshi i Bujumbura
Amri Pro yoba akorera mu buhinyanyuzi bwinshi i Bujumbura
lundi 10 Ruheshi 2013
Umuhinyayuzi Amri Pro aramaze kumenyekana nk’umwe mu bahinga bakorera hano mu gihugu c’Uburundi akaba ari muri bamwe mu bahinyanyuzi bifitiye ubuhinyanyuriro bwabo aho abufise mu Ngagara, bukaba bwitwa MA Production kandi akaba azwi ko ariwe muhinyanyuzi waho.
Amri Pro kandi ubu azwi nk’umuhinyanyuzi ukorera mu buhinyanyuriro bugezweko bwitwa Next Level ahazwi cane ngo ni kwa Buddie, ivyo bikaba vyaramenyekanye cane umunsi umuririmvyi Big Fizzo akorera indirimbo muri ubwo buhinyanyuriro kuko Amri Pro yagaragaye mu mafoto.
Ubu naho haheze igihe gitoyi ubundi buhinyanyuriro bushasha bwitwa AMS bwuguruye imiryango, none Amri Pro ubu naho arahabarizwa .
Ku musi wo kwugurura yari yavyambariye ikoti nziza cane ku buryo umuntu yari kugira ngo niwe nyene urubanza.
Abamenyeshamakuru bashatse kumenya namba yoba yarahevye muri Next Level, yishura ko atarahebayo, tuti none ukorera hose? Ati ndiho hose, tukibaza rero ko aronka akanya ko gukorera muri M A , muri Next Level no muri AMS. Abajijwe yishuye ko ibintu vyose ari mu mutwe (Programme).
Gusa iyo uravye neza ubona azobihomberamwo kuko ubu hari abaririmvyi bavugako batagikorana nawe kuko babona ko atamwanya wo kubakorere agifise.
Twobibutsa ko aho muri AMS ariwe muhinyanyuzi wa mbere kuko ariwe yashize umukono ku mpapuro zemeza ko atanguye akazi n’uwitwa Marc Kibamba, uyu akaba ari n’umwe mu bahinyanyuzi bakiri batoya mu myaka hano i Burundi.
Ivyo umuntu abibonye atekereza ko uyu muhinyanyuzi ashobora kuba ariko arapima amahirwe, arondera ahameze neza gusumvya ahandi canke akaba ariko arondera gufasha hamwe muraho mu gihe baba barindiriye kubona uyundi. Mbega yoba azotera umukono ku masezerano yo gukorana nabo bashasha? Umuntu yokwibaza vyinshi ariko ahanini inyishu nyakuri zotangwa nawe nyene ubwiwe. Turabandanya kumubaronderera.
Joel Sengurebe