IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amsterdam : Abarundi basabwe gukurikiranira hafi amatora yo mu (...)

Amsterdam : Abarundi basabwe gukurikiranira hafi amatora yo mu Burundi

samedi 1er Munyonyo 2014

Mu nama yahuje kuri uwu wa gatandatu abarundi baba mu Buhorande no mu gihugu bihegereye, ishirahamwe CEDAC ryasavye abarundi baba hanze gukurikiranira hafi ikibazo c’amatora mu Burundi, abasanzwe bafasha nabo bakaba bahamagariwe gushigikira Uburundi mu myiteguro y’amatora.

Ishirahamwe rihurikiyemwo abahoze ku rugamba CEDAC (Centre de Développement et d’Encadrement des Anciens Combattants) ryatunganije kuri uwu wa gatandatu inama yabereye i Amsterdam mu gihugu c’Ubuhorande. Muri iyo nama, abayitavye barabira hamwe uruhara rw’abarundi baba hanze mu mwiteguro y’amatora meza abaye mu mahoro. Nk’uko tubishikirizwa na Firipo MASABO, umuvugizi w’ishirahamwe CEDAC, abarundi baba hanze y’igihugu basabwa kutaba ba sindabibazwa mu myiteguro y’amatora yimirije mu Burundi, ahubwo bagahamagarirwa guterera ivyiyumviro vyabo kugira amatora azobe mu mahoro, kuko arivyo bizotuma igihugu gitera imbere, n’abanyamitahe bahurumbire gukorera mu Burundi.

JPEG - 38.8 ko
Firipo MASABO, umuvugizi w’ishirahamwe CEDAC

Muri iryo shirahamwe CEDAC (Centre de Développement et d’Encadrement des Anciens Combattants) bahamagarira urwaruka rwo mu Burundi kwirinda abarukwegera mu bikorwa vy’uguhungabanya umutekano, ahubwo bakarusaba gukorera hamwe imigambi y’iterambere mu butandukane bw’ivyiyumviro vyarwo vya poritike n’imigambwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.