Accueil > Amakuru > u Burundi > Amwe mu mabarabara yo hagati mu gihugu ategekanijwe kwubakwa (...)
Amwe mu mabarabara yo hagati mu gihugu ategekanijwe kwubakwa kijambere
samedi 18 Nzero 2014
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Geravazi Rufyikiri yakiriye Abou Amadou aserukira ibanki y’iterambere rya Afrika, BAD (Banque Africaine de Developpement) hano mu Burundi ari kumwe n’uwuserukira BAD mu bihugu bitanu.
Inyuma y’umubonano wabahuje, kuri uno munsi wa gatanu igenekerezo rya 17 Nzero 2014, icegerea ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri yamenyesheje ko abo baje baserukira ibanki y’iterambere rya Afrika bari baje kumenyesha urugendo rw’umurwi w’indongozi zo muri iyo banki, uzoza kugendera Uburundi mu kwezi kwa Ntwarante 2014 kuva kw’igenekerezo rya 3 guwshika 6.
Abo bategetsi ba BAD bakazoba baje kuraba ibiriko birarangurwa mu Burundi mu migambi iriko irakorwa, intumbero yavyo nivyo biriko birafasha abenegihugu. Ibanki y’iterambere rya Afrika n’ibanki ikaba isanzwe ifasha hano mu Burundi cane cane mu bijanye n’inyubako z’amabarabara.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko mu minsi iri imbere hagiye kwubakwa amabarabara ya kijambere hagati mu gihugu. Inyuma y’ibarabara ririko rirubakwa rihuza intara ya Gitega na Ngozi, harategekanijwe no kwubaka mu minsi ya vuba ibarabara riva i Ngozi rija ku Kanyaru ryerekeza Butare, ibarabara rya Nyakararo-Mwaro-Gitega, ibarabara rya Makebuko-Ruyigi hamwe n’ibarabara rya Migina-Nyanza-Lac.
Ibanki BAD yiyemeje kandi gufashanya n’abiyemeje kwubaka urugomero rwa Jiji-Murembwe kugira igihugu c’Uburundi kironswe umuyagankuba ukwiye hose yongere ishigikire n’ikigega ca Reta kugira Uburundi bushobore kurangura imigambi myinshi muvy’iterambere.
Leonard Sentore aserukira ibanki y’iterambere rya Afrika mu bihugu bitanu arivyo Uburundi, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Centrafrika, Congo Brazzaville hamwe na Cameroun yamenyesheje nawe ko ibikorwa vyo gushigikira Uburundi mu bijanye n’iterambere ry’awa mugambi bise Vision 2025 bizobandanya. Hakaba hitezwe amafaranga agera ku miliyoni amajana atanu y’amadorari y’abanyamerika ya bimwe mu bikorwa bizorangurwa.
Mwomenya ko ibanki BAD yiyemeje kuzoshigikira Uburundi mu bisata bibiri, ico kwubaka amabarabara hamwe no mu bijanye no gutunganya ibikorwa Reta mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe.
Mariella Bukuru
Messages
18 Nzero 2014, 22:39, par NDAGIJIMANA Francois
Iterambere niryiza pe! Nibayubaje ariko hazoze ababishoboye. ntibaze bayubake nkuko bubats ibarabara rya CIBITOKE(Rugombo)-BUJUMBURA.
19 Nzero 2014, 17:45, par Mama
Ubwambere ndashima hanyuma ntangeniciyumviro, Mumwaka wa 2012 nakeneye gufotora iPhotos zivuye muma Komine yose agize igihugucacu cu Burundi kuko ndikondashaka kuzokoresha calendar iriko amaphoto avuye muma commune yose yu Burundi, nagize ikibazocuko imisinarinifuje yokubanamaze ama comine yose kuyazunguruka girarenga bivanye nukohariho ama comine meshi mu Burundi utobonamwo akabarabara nakamwegusa mwi kominezima kakijambere, arinahonashaka kwibwirira abashinzwe iterambere ryama komine gushira kumuzirikanyi muvyobakora biteho kuvugako I commune idakwiye kubaho itagira akabarabara nakamwe kakijambere kuko harahusanga bibabaje ahusanga umunturunaka avugati ntibishoboka gukorera urugendo mwi commune runaka mugihe curushana ngokubera hatagira nakabarabara nakamwe kakijambere ivyorero murakwiye kubifata nkankama mukabishira kumuzirikanyi, ibindabivuze kubera mbona mwitayeho iterambere biboneka mugihugucose murakoze nzorushaho kunezererwa ninumva hatangajweko harumugambi woguhakikishako buri commune yi Burundi mugiyeguhakikishako nimiburiburi habonakamwo ibarabara rimweriba nyabagendwa igihecose ushakiye habanomurushana.
20 Nzero 2014, 11:43, par ntezimana
ewe Sentore Léonard sha ni wirire amahera imana yaguhaye umugisha ukivuka. ndaryohewe ariko ingene uriko urafasha ngo uburundi buronke amahera. Hinge nanje mbandanye nsonga mbele ngira bazotinda banyibuke aba DD ntaco dupfa.