Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amwe mu majambo ari mu ruririmbo "Nzeyimana" ruvuga izina rya Mkombozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Amwe mu majambo ari mu ruririmbo "Nzeyimana" ruvuga izina rya Mkombozi (...)

Amwe mu majambo ari mu ruririmbo "Nzeyimana" ruvuga izina rya Mkombozi yamenyekanye

mercredi 29 Gitugutu 2014

Ururirimbo "Nzeyimana" ruvuga izina rya Mkombozi ruzosohoka ubwa mbere mu giteramo c’iwe kizobera mu ntara ya Gitega. Amwe mu majambo avugwa mu ruririmbo yashizwe ahabona.

Nk’uko abimenyesha, ururirimbo "Nzeyimana" ruzotangura gusamirana mu ntara ya Gitega. Mkombozi yandika uku:" Gitega muriteguriye indirimbo yanje Nshasha Nzeyimana?muzoba aba mbere kuyumviriza.Hasta siempre".

Uwo muririmvyi nyene akunzwe cane kubera amajambo aririmba mu mudiho wa Hip Hop arandika amwe mu majambo muzokwumva mu ruririmbo "Nzeyimana". Ayo ni aya akurikira:

" Nije nafashe ku nguvu umukenyezi y’ibungenze ku bw’amahera yanje uwatabaye niwe yafunzwe. Narabaye Pasteur mu rushengero rwanje navuga Imana gake amashikanwa cane, naripfuza ko iminsi yose yocika dimanche kugirango ishikanwa ntiribure mu mufuko wanje. Nije ndi wa mu Patiri yavyaye ubushuri, nabikoze mu mpisho harageze ko mvuga ukuri. Narishe abavukanyi ku bw’ibisigi nari SATANI, mbonye inoti narayinga nk’umufungwa abonye INKUMI, abantu nkanje ngo ni iboro mu mbabarire BANYAMWEMA iyaba urupfu ari amazi ninde yari KUYANWA? Sinababara nishe, nababara mpushije nkibagira yuko umuntu apfuye mu Buyenzi ata garage. Uwunyotewe ansavye amazi namuhaye AMARIKE ngo iyo ubuze ibere ry’umuvyeyi wonka RY’IMPENE(MANA UMBABARIRE). Hari igihe mba nshaka kw’iruka nka Saido Ntibazonkiza ariko bikangora kuva ahondi kuko ivyaha BINDEMERA iyaba kwera muri mpwemu bisiga HYDROQUINONE nari kugura Carolyte nyinshi nkazoga muri PISCINE.Hasta la victoria....."

Abo mu ntara ya Gitega bomwitegurira kuko nawenyene abashiriye agaseke katarapfundugwa. Ico giteramo kizoba ari kw’igenekerezo rya 01 Munyonyo mu nzu y’ingenzi "Tropitel".

Aha munsi ni isanamu y’ururirimbo "Ndakuzirikana"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.