Accueil > Amakuru > Amashuri > Amwe mu makaminuza y’Ububirigi yahagaritse imigenderanire na kaminuza (...)
Amwe mu makaminuza y’Ububirigi yahagaritse imigenderanire na kaminuza y’Uburundi
lundi 14 Ndamukiza 2014
Inani mpuzamakungu z’amakaminuza yo mu Bubirigi zahagaritse vy’agateganyo imigenderanire zahora zifitaniye na kaminuza y’Uburundi, kubera ibigo vya kaminuza bimaze ukwezi vyugaye hamwe n’amahinyu yibonekeza mu gutanga akazi ku bigisha batabishoboye.
Mw’ikete ryo kuwa 8 Ndamukiza 2014 barungikiye Gaston Hakiza, umuyozozi wa kaminuza y’Uburundi, izo nani z’amakaminuza z’ububirigi arizo Académie de Recherche et d’Enseigment Supérieur (ARES), hamwe na Flemish Interuniversity council, ivyo bigo vya kaminuza mpuzamakungu bibona ko bikenewe ko bahagarika vy’agateganyo imigenderanire na kaminuza y’Uburundi, gushika isubiye gutanguza ibikorwa ku mugaragaro. Izo nani zimenyesha ko zamenye ko ibigo vya kaminuza bimaze ukwezi kwose kurenga barugaye imiryango inyuma y’itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 13 Ntwarante, itegeko ryirukanye abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi hamwe n’ishure nderabigisha ENS.
Izo kaminuza zivuga kandi ko zitewe impungenge n’ingingo ziguma zifatwa na Reta y’Uburundi, na cane cane muri kaminuza y’Uburundi. Bagira bati : "Turatewe umutima uhagaze n’itangwa ry’akazi hatizunzwe amategeko agenga ibisata bitandukanye muri kaminuza y’Uburundi. Ubukerebutsi mu kuronka amanota menshi nivyo bikwiye gufatirwako mu gutanga akazi ku bigisha b’abunganirizi bita "Assistants".
Inani z’amakaminuza yo mu Bubirigi zivuga ko zimaze kuvugana n’igihugu c’Ubufaransa ko zitegerezwa gufasha abashaka kubandanya ivyigwa vya doctorat baravye ubushobozi bafise ata guhengama, ari naho inyigisho z’akanovera zitsimbatara muri kaminuza y’Uburundi. Ayo ma kaminuza y’Ububiligi asaba umuyobozi za kaminuza y’Uburundi, Gaston Hakiza kubasigurira itegeko ryo kuwa 14 Nzero ryo gusubiramwo uko agafashanyo gatangwa, namba iryo tegeko rikurikizwa no ku gafashanyo gatangwa n’igihugu c’Ububiligi.
Ayo makaminuza arangiza iryo kete asaba ko ibikorwa vyosubira gutangura ukuri kwamye muri kaminuza y’Uburundi, bagashira imbere ibiganiro bihuza bose hamwe no kudakoresha igikenye mu bibazo biba bihari.
Floxella Karire
Messages
14 Ndamukiza 2014, 09:46, par Irabona Eloge Claude
Ko Agafashanyo Koba Karahagaritswe,hamwe Ayo Makaminuza Nayo Yohagarika,nitwe Abanyeshure Twohahombera Gusa?Recteur Wogira Ivyo Ushoboye Na Ministre Ntimwugarire Abana B’igihugu Amariba.
14 Ndamukiza 2014, 12:51, par Nelson
Ahubwo iyo na leta bayifatira amabarugo kuko nakare mbona banyarucari ariyo turimwo.
14 Ndamukiza 2014, 13:25, par Ndekatubane
noneho Festus yavuze ko nibabakurako amaboko natwe tuzobakurako ayacu!Hinge turabe ibikwirikira!!!
15 Ndamukiza 2014, 12:07, par busiga
U burundi bwa Petero buranse bucitse ubugaragwa nukuri yuuuuuuuuu yemwe yemwe turarwajije nukuri.