Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Angelina Jolie ntagisubira kuvyara inyuma yo gukurwamwo udusabo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Angelina Jolie ntagisubira kuvyara inyuma yo gukurwamwo udusabo (...)

Angelina Jolie ntagisubira kuvyara inyuma yo gukurwamwo udusabo ntangangore

mercredi 25 Ntwarante 2015

Angelina Jolie, umukinyi w’amareresi akomeye cane kw’isi, yemeye gukurwamwo udusabo ntangangore mu ntumbero yo kwikingira indwara ya Cancer mbere no gutera akamo ku bandi bagore kwipimisha n’ubwo atagisubira kuvyara.

Mu gihe, ibihagange bikomeye kw’isi badakunda kuvuga ubuzima babayemwo, Angelina Jolie wewe yamenyesheje ko yakuwemwo udusabo ntangangore nyuma y’imyaka ibiri aciwe amabere, mu ntumbero yo kwikingira indwara ya Cancer nk’uko yavyiganiye ikinyamakuru People Magazine.

Si ivyo gusa, Angelina Jolie yongera avuga ko ivyo yabikoze mu ntumbero yo gutera akamo abandi bagore kugira bipimishe indwara ya Cancer hakiri kare, kandi bashobore kurwanya iyo ndwara.

Nyuma yo kumenya ko afise ibimenyetso yuko ashobora kwandura indwara ya cancer, Angelina Jolie yaciye yemera ko bamukuramwo udusabo ntangangore kugira bamukingire iyo ndwara.
Mwomenya ko umuvyeyi wa Angelina Jolie, Marcheline Berthrand yahitanywe n’indwara ya cancer ku myaka 56 y’amavuko.Si we wenyene yahitanywe n’iyo ndwara, n’umuvyeyi avyara nyina wiwe nawe yapfuye muri ubwo buryo.

Ku myaka 40 y’amavuko, Angelina Jolie ntagisubira kuvyara mu gihe yarasanzwe yaravyaye abana batatu, harimwo amahasa, n’umugabo wiwe Brad Pitt, n’abandi bana batatu bareze.

Messages

  • ayo namashetani usangayashikije vyoyasezersniye rusoferi hatibimwe mufakwiye gucisha kukinyamakurucanyu nkivyoguhuvyabantu cankevvyogutukabandi

  • Kuvyara Nivyiza Ariko Dukoreshe Ubwenge Imana Yaduhaye Turondoke Neza Ariko Twibukeko Imana Itaduhaye Ubwenge Bwokwica Abanabacu Barimunda Batazico Bazira Kuko Imana Izotubaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.