Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Angeline Jolie: Ishirahamwe rya ONU ryarananiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Angeline Jolie: Ishirahamwe rya ONU ryarananiwe

Angeline Jolie: Ishirahamwe rya ONU ryarananiwe

samedi 25 Ndamukiza 2015

Umukinyi w’amareresi Angelina Jolie aragiriza inama nkuru y’umutekano ya ONU ko yananiwe guhagarika ingwano mu gihugu ca Siriya, yongera atera akamo abantu bose ngo bafashe impunzi z’abanyesiriya.

Imbere y’abagize Inama nkuru y’Umutekano ya ONU, Angelina Jolie, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu yitaho impunzi HCR, yamenyesheje ko igikogwa ca ONU nico gukinga no guhagarika amatati ariko ko mu gihugu ca Siriya, iryo shirahamwe rya ONU ryananiwe. Iyo mishamirano iri muri ico gihugu vyanse ko ihera kubera ONU yananiwe no gufata ingingo ruhasha kugire ikore ibishoboka vyose mu kuja gutabara, nk’uko abandanya abimenyesha uwo mukinyi w’amareresi.

Inyuma y’imyaka ishika kuri ine hatanguye intambara muri Siriya, abantu bagera ku miriyoni 3,9 baramaze guhunga kandi kuva mu ntango y’iyo migwano, inama nkuru y’umutekano yaciye yicamwo imirwi ibiri, bica binanirana uko bafata ingingo yo kuja gufasha kugarukana amahoro. Angelina Jolie atera akamo inama nkuru ya ONU isubire yiyunge, hanyuma ifata ingingo vuba bwango kugira bahagarike ayo matati, ko niyo babona ko vyabananiye, bopfuma bafasha izo mpunzi zitagira shinge na rugero.


Alida S.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.