Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ANSS na Swaa Burundi baragiriye umusi mukuru wa Noël abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ANSS na Swaa Burundi baragiriye umusi mukuru wa Noël abana

ANSS na Swaa Burundi baragiriye umusi mukuru wa Noël abana

lundi 24 Kigarama 2012

Ishirahamwe ry’abagendana umugera wa sida mu Burundi ANSS rifadikanije n’ishirahamwe ry’abinonora imitsi , kumwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi bishinze kugwanya SIDA , bafashwe mumu gongo n’ishirahamwe interpetrol ; Baragiriye umusi mukuru abana basanzwe bafashwa n’ayo ma shirahamwe .

Ibirori vy’uwo musi mukuru vyatanguwe n’inkuka ya misa ,mu nyigisho zatanzwe na patiri Olivier Bampamenyo yasavye abo bana kwama banezerewe kuko batari bonyene ,ngo ivuka rya Yezu Christu n’ikimenyetso cuko imana yashatse kugumana n’abantu ,ibiyegereze kuko ibakunda cane .Ati Noël isigura ivuka ry’umukiza mu bantu.

Mubirori nyezina umwana yaserukiye abandi yaragaragaje umunezero ivyo bibondo bifise mu gushimira cane amashirahamwe Swaa Burundi na ANSSD ukuntu bama babitaho nk’abavyeyi mukubaganiriza no kubaha ivyo bakeneye kugira bashobore kubaho nk’abandi bana .Uyo mwana yarashimiye cane Jeanne Gapiya we yaserukiye abo bana m’umugambi PPSS kuko kubw’uyo mugambi abana bagendana umugera wa SIDA bafatwa nk ’abandi bana bose.

Ati:« Natwe twiyemeje kuzokwama tubagamburukira , tuzobera akarorero abandi bana mu kubereka inyifato nziza ,tuzokwigenza nk’abana barezwe neza , kandi tuzokurikiza impanuro muduha» .
Uwurongoye PPSS yarashimiye abitanga batiziganya kugira abo bana bashobore gufashwa.Yarashimiye kandi ku buryo bwiharije ishirahamwe interpetrol ryafashije gutunganya uwo musi mukuru.

Kubwa Jeanne Gapiya ngo beshi muri abo bana n’impfuvyi, ati umusi mukuru nkuwo bahora bunva abandi bawuvuga ntibawubone , nukuwanka bakawanka kuko babona abandi bana banezerewe nabo bababaye ; ngo n’akaryo keza rero kur’abo bana kuko uwo musi mukuru bagiriwe ubaha icizere mu buzima bwabo.

Sylvestre Ndayikengurukiye yari yaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya SIDA yabunganiye avuga ati :«twaje kwifatanya namwe mukwipfuriza Noël nziza abo bana bari mungorane kuko ari igikorwa ciza cane,ati barakeneye ababafata mu mugongo».

Mukurangiza abo bana bararonkejwe utuganuke , barabafungurira bongera barabaha n’ivyo banywa. Umusi mukuru ukaba waheze mukanyamuneza ntangere.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.