Accueil > Amakuru > Ubutungane > Antoine KABURAHE yumvirijwe aca arataha
Antoine KABURAHE yumvirijwe aca arataha
lundi 16 Munyonyo 2015, par
Umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU Antoine KABURAHE yarengutse mu butungane kuri uwu wa mbere. Yitavye ku mutahe yarungikiwe ku munsi wa gatanu. Inyuma y’amasaha abiri n’iminota mirongo itatu yamaze ariko arumvirizwa, Antoine KABURAHE yaciye ataha.
Nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’agatondo niho Antoine KABURAHE umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU yashika muri parake, aherekejwe n’abashingwamanza biwe babiri (Umushingwamanza Lambert NSABIMANA, hamwe n’umushingwamanza Fabiyano SEGATWA).
- Photo : IWACU
Abaserukira ubumwe bwa buraya mu burundi, abaserukira ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi hamwe n’abaserukira ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe za Amerika bakaba bari bashitse gushigikira Antoine KABURAHE, akaba ariko yumvirizwa na Barbatus NTAKARUSHO.
Umutahe w’ukwitaba ubutungane washikiriye Antoine KABURAHE umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU kuri uwu wa gatanu, akaba yabwiwe ko ari mu ntumbero ya dosiye RMPG nomero 697/MA, ijanye amatohoza y’ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Antoine KABURAHE amasaha agera kuri abiri n’iminota mirongo itatu, inyuma y’aho akaba yaciye ataha. Umushingwamanza Lambert NSABIMANA, umwe mu baburanira Antoine KABURAHE amenyesha ko uwo baburanira yabajijwe kuvyerekeye ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, bamubaza ko ata ruhara yabigizemwo. Umushingwamanza NSABIMANA amenyesha ko ibibazo vose vyabajijwe Antoine KABURAHE yavyishuye, kandi avyishura neza.
IGIHE
Messages
16 Munyonyo 2015, 10:57, par Peter
bagasanga bimwagira bamuhane bisunze amategeko guhirika ubutegetsi ningendo ya kera twasezereye
16 Munyonyo 2015, 11:43, par jean.love
Ivyomuburundi Nagahomeramunwa Iyontungane Nayo Yagarizwa Iki?Gantuzewe Ivyo Muburundi Vyabuze Imana Nigarukire Uburundi Kweri
16 Munyonyo 2015, 11:44, par jean.love
Ivyomuburundi Nagahomeramunwa Iyontungane Nayo Yagarizwa Iki?Gantuzewe Ivyo Muburundi Vyabuze Imana Nigarukire Uburundi Kweri
16 Munyonyo 2015, 11:46, par .com
Wewenufungewice Ntuzotumara Wamugeserawenkurumbi Uvyukoranimundumane Ubikorubizi Wambwawe Kaburahe Wihangane Namanderayararekuwe Kandipore
16 Munyonyo 2015, 11:50, par snduwamahoro
Abahanwa bose muri iki gihugu hama hariho ibibagira??? Yitavye Kubera afise icubahiro, nayo abacamanza bobo turazi ko ibirarane vy’inzigo bibagejeje kure...
16 Munyonyo 2015, 12:03, par @IratabaraJosue
Namba Babuze Uko Bifata Imbere Y ’ibibi Bakoze.None Mumuhamagaza Ngo Mumumuzibishe Ibibi Mwama Mukorera Abenegihugu?Harageze Ko Muza Muratumako Umwumwe Ariko Imana Izomufashe Yishure Ico Azi Kandi Ataterabwoba Rimugizweko
16 Munyonyo 2015, 12:39, par Alain
Mwaba DD muragowe mama yangu amaraso yabarya babikira hamwe na yabana babarundi binzirakarengane atazoba humira.Ngoja imana ntiheranwa iteba gusa kwishura
16 Munyonyo 2015, 14:27, par Rosa kamakazi
mbega mwebwe mubonye niyo foto ewe gihugu cu burundi kigeze aho umwansi ashaka umwe atuka abandi ngo nimisega igihugu cacu gitwagwa nimisega kweri aho ata muntu numwe acizigiye intwaro yi burundi, jewe kuva mbaho sinari bwabone abaserukira ibihugu vyabo baza gukwirikira imanza ziba muburundi, nuko babona ko muburundi atakikigenda nakimwe.
16 Munyonyo 2015, 14:28, par pascal
.ntaco turengany ntajoro ridaca’mbega iryotembagazwa ryubutegetsi hari ryabay??!!kotuzi neza koyarinkinamico’nkurunziza petero nakarwi kiwe baribariteguye kugira bahony abo batavugarumwe.reka kwitoza utunyoni.
16 Munyonyo 2015, 15:16, par Gezaho
Mbega umuntu wese adashigikiye manda yanyu nuwo gupha?
16 Munyonyo 2015, 16:06, par Tuze
Ivyo ni ivyitwazo kugira barondere abo bafata kandi babice, ni inkina mico ya CDD-FDD, babanza kugira imikino bihamagaza abantu mu Butungane, hama bakabona gufata no kwica munyuma. Muzoba mubona.
Turasavye amakungu ahagurukire U bUrundi, abantu bagiye guhona. Aya masaha ndabandikira abajejwe gukingira umukuru w’igihugu bariko bakora amarorerwa muri Quartier 6 Ngagara. None amakungu azoza gukiza nde???
16 Munyonyo 2015, 18:26, par Nimbona Daniel
Kaburahe rema ariko ugabe kuko ubutungane burahengamye.Jewe mpora nibaza ariko narabuze inyishu,uwoba ashoboye kunyishura ambwire: None ubutungane bw,Uburundi bukora kugira hame hafatwa abatavuga rumwe n,ubutegetsi?Nama numva imitahe yasohowe na BAGORIKUNDA kuki ntarumva yasohoye iyo kurengutsa abari muri reta bagirizwa ubwicanyi?ubusuma?ugutoteza iteka rya murundi?Abakubaguye umumenyesha makuru yubahwa NDIKUMANA Esdras Wa Rfi na Afp ko batarafatwa?munyishure.Kubwanje ubutungane buhiga bamwe bukareka abandi jewe ntabwo nemera.Murakoze.
16 Munyonyo 2015, 18:27, par Nimbona Daniel
Kaburahe rema ariko ugabe kuko ubutungane burahengamye.Jewe mpora nibaza ariko narabuze inyishu,uwoba ashoboye kunyishura ambwire: None ubutungane bw,Uburundi bukora kugira hame hafatwa abatavuga rumwe n,ubutegetsi?Nama numva imitahe yasohowe na BAGORIKUNDA kuki ntarumva yasohoye iyo kurengutsa abari muri reta bagirizwa ubwicanyi?ubusuma?ugutoteza iteka rya murundi?Abakubaguye umumenyesha makuru yubahwa NDIKUMANA Esdras Wa Rfi na Afp ko batarafatwa?munyishure.Kubwanje ubutungane buhiga bamwe bukareka abandi jewe ntabwo nemera.Murakoze.
16 Munyonyo 2015, 19:06, par Amarira
Ntakund nturikwisi
16 Munyonyo 2015, 19:38, par Alice Irumva
Yooooooh,bashaka amafaranga nkamwe baka Bobo mwebwe ntimubazi!Babuze ayo bahemba babaja n,abacangero babo!
16 Munyonyo 2015, 19:41, par Legrand
Ahubwo Baburiwe Ni Baronderere Ahandi
16 Munyonyo 2015, 21:57, par Nduwamahoro Pacifique
Intwaro z’Uburundi ni akamaramaza kweri! None nk’uwo Kaburahe bamuremeka inkono ishushe kugira bashike kuki vyukuri? Nugutumako rassemblement pacifique yokumushigikira harya nyene kuri Iwacu, tugende twese twambaye ivyera.
18 Munyonyo 2015, 06:09, par birimbo
None kwataco yigariza kuberiki yaherekejwe nabo ba Ambassadeurs?
18 Munyonyo 2015, 19:55, par nzomuhintore jaenbaptist
bategerezwakumubaza kuko ibimenyeshamakuru bimwebimwe biragoye
18 Munyonyo 2015, 19:56, par nzomuhintore jaenbaptist
bategerezwakumubaza kuko ibimenyeshamakuru bimwebimwe biragoye
19 Munyonyo 2015, 03:54, par Akgja
Vraiment Ntihagire Abatwarira Hejuru Ubutungane Buz Ico Bwamutumiyeko Akwiy Kugenda Yer Yer Ahanwa Ahanw Kuk Ntamuntu Ari Hejuru Yamategeko
25 Munyonyo 2015, 17:29, par nina
nonese ko yari yishikanye imbere yabamushaka hama ntibamufate ubu akaba yabacitse umubi ni Antoine Kaburahe, ni uBubirigi canke ni reta yuburundi nibaze bakora ibintu biyumviriye ahubwo reta yakemura ikibazo cuyo yamwumvirije asa nuko ariwe yatumye atoroka aho guta umwikomo ahandi ubwobucamanza bwamumvije ni ukuraba neza..