IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > APDS: Amategeko agenga abakozi n‘akazi ntiyubahirizwa

APDS: Amategeko agenga abakozi n‘akazi ntiyubahirizwa

vendredi 20 Nyakanga 2013

Guharanira hamwe no guteza imbere agateka k‘akazi n‘abakozi n’iyo ntumbero nyamukuru y‘ishirahamwe APDS.

Ishirahamwe APDS ryashinzwe mu nyuma yo kubona ko amategeko agenga abakozi n‘akazi mu Burundi atubahirizwa. Ndetse hariho n’ igice c‘abakozi umenga kiribagirwa, aha batanga akarorero k ‘abakozi bakora batagira amasezerano ndetse n‘abana bakoreshwa bakiri bato abo bose barahura n‘ ingorane zitandukanye mu kazi.

Muri APDS, bavuga ko bikewe cane ko mu mashirahamwe bashira inguvu hamwe barwanire amategeko agenga abakozi n‘akazi, Harageze kandi ko umuce w‘abakozi wari waribagiwe ndetse ugasanga ntibagira aho bitura mu gihe banarenganijwe nabo bagira amategeko abagenga ntibasubire kuza barafatwa nabi n‘abakoresha babo,ivyo vyamenyeshejwe n‘umukuru w’ishirahamwe APDS, umushingwamanza Cassien Yamuremye mu kiganiro yahaye abanditsi n‘abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 20 nyakanga 2013.

Umushingwamanza Cassien Yamuremye abandanya avuga ko , mu gihugu c‘Uburundi hariho imice y’abakozi nk ‘akarorero abakozi bo mu nzu, abacukura ubutare, abenshi ugasanga ntibigeze bagiriranira amasezerano n’abakoresha .Hari abana bakiri bato bakoreshwa kandi amategeko mpuzamakungu abibuza, hari ivyo gukorera ahantu hadashimishije ugasanga n‘inkomoko y‘ indwara canke amasanganya, abakozi birukanwa giturumbuka, abakora bataruhuka, abakozi batavugwa n‘ abakoresha babo, hari abatotezwa abandi bagakubitwa, abapfasoni bibungenze badahabwa akaruhuko nk‘uko bitegekanywa n’ ibindi n‘ ibindi.

Muri iryo shirahamwe rero bakaba bafise imigambi myinshi, baripfuza ko Leta yogerageza igatorera umuti amayegereyegere afatiye kukutangana kw‘abakozi, bazogerageza kumenyesha abo bakozi amategeko mpuzamakungu agenga abakozi bayamenye, kandi bamenye n’amakosa canke akarenganyo bariko baragirirwa, kubafasha kwitura ubutungane.

APDS ikaba yaranasavye Leta udukarata kugira baronke uruhusha rwo kuja mu buzi bumwe bumwe barabe ingene abakozi babayeho.Iryo shirahamwe kandi rikaba rihimiriza Leta gukwirikiza amategeko mpuzamakungu agenga abakozi n‘akazi. Muri iryo shirahamwe bazoshiraho n‘igisata kijejwe kumviriza abazoza kubitura.I nguvu z’iryo shirahamwe akaba ari uko rije kuvugira umuce w’abantu batari bake ndetse bari baranibagiwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.