Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Apollinaire HABONIMANA yasohoye urukurikirane rushasha inyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Apollinaire HABONIMANA yasohoye urukurikirane rushasha inyuma (...)

Apollinaire HABONIMANA yasohoye urukurikirane rushasha inyuma y’agacerere

mardi 24 Ntwarante 2015

Apollinaire HABONIMANA yagarutse ku kibuga c’umuziki mpimbazamana inyuma y’imyaka myinshi. Azanye Album nshasha yatosorewe utnenge muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Urukurikirane rwa 5 rw’umuririmvyi w’igihigangange mu muziki w’Uburundi kandi mpimbazamana Apollinaire rwaheze gukorwa. Rwitwa ”Muri Wewe”, rurimwo indirimbo 10 zimwe ni nka: 1.Muri wewe, 2. Indirimbo yanje, 3. Birabereye, 4. Ntaho nzibagira n’izindi.... Rwakozwe n’abahinyanyuzi batandukanye, bo mu Burundi: Marc Kibamba na MD Thompson akora muri Ivory Tower Production i Houston muri Texas. Ivyo biruko mu gihe urukurikirane rwa mbere yarukoreye muri Bwongereza. Igituma Apollinaire aja mu makungu kurondera abahinyanyuzi bo mu makungu ni uko ashaka ubuhinga bw’urwego mpuzamakungu.

Urwo rukurikirane rwakozwe n’abaririmvyi bose bo mu murwi Shemeza Music urongowe na Apollinaire. Muri kino gihe uwo murongozi wa Shemeza Music ari muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, ari naho azoza vuba azanye urwo rukurikirane. Ategekanye kuzoshika agira ibiganiro, avuga vyinshi kubijanye n’indirimbo ziri mu rukurikirane "Muri Wewe".

Mwomenya ko Apollinaire yatanguye kumenyekana mu butumwa n’agahogo keza ko kuririmba kuva mu myaka y’i 1990. Ico gihe yararonse umwanya wo gukurikirana ivyigwa vya Bibiliya muri Bwongereza, hanyuma agahava ashinga umurwi wiwe"Shemeza Music". Mu nyuma yahavuye ashinga ishuri ry’igisha umuziki.

Umviriza urukurikirane rw’indirimbo za Apollinaire zakunzwe cane


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.