Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Apple yatanguje ubuhinga bushasha mu bijanye n’umuziki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Apple yatanguje ubuhinga bushasha mu bijanye n’umuziki

Apple yatanguje ubuhinga bushasha mu bijanye n’umuziki

mardi 9 Ruheshi 2015

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi,Apple yaratanguje ubuhinga bushasha bwo gutanga umuziki ibicishije mu buhinga ngurukanabumenyi bwiswe Apple Music.Ubwo buhinga bugiye kw’isoko ihuriyemwo n’abandi benshi yiswe Streaming.

Mu kuja mw’ihiganwa na Spotify canke Deezer zisanzwe ziri kw’isoko,Apple yahisemwo ko uwukoresha ubwo buhinga yotanga ku ndwi amafaranga angana n’ayatangwa mu yandi mashirahamwe ayo nayo angana n’amadorare 9,99,nukuvuga amafaranga 8,86 vy’amafaranga y’abanyaburaya,ariko inyuma y’amezi atatu umuziki bawuronka ku buntu.

Apple izoshiraho kandi ubuhinga bwitwa Formule Familiale buzohuza abantu batandatu ica rimwe ku mafaranga 14,99 vy’amadorare ku kwezi.Apple Music izotangura gukora kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa gatandatu.

Apple ishobora kwizera ko ishobora gushika ku kintu gikomeye,naho isa niyacerewe kuko ifise uturusho twinshi kuva muri kahise.Muri utwo turusho, twovuga nko kuba ifitaniye ubucuti bukomeye n’abaririmvyi b’ibihangange,kuba ari ishirahamwe rimaze kumenyekana kw’isi,aho abantu amamiriyoni amajana bamaze gushira ibibaranga vyabo mu mabanki mu bubiko bwa none bwa APPLe bwitwa iTunes.

Imbere yo gutangaza ko itanguje ubwo buhinga ibicishije ku muyobozi wayo Tim Cook,Apple yamenyesheje ko igiye gushiraho ubundi buhinga bw’isaha ikoresha ubuhinga ngurukanabumenyi kandi izoba ifise ubundi buhinga buhambaye butisunga iPhone.

Nkuko biri ku bindi bidandazwa vya Apple,urudandazwa rw’iyo saha ruzoba ruteye imbere kubera ibindi bihambaye iyo saha ishobora gukora.Ariko rero naho bimeze ukwo,hari ivyo iyo saha itazoshobora gukora ata telephone yo mu bwoko bwa iPhone ikoresheje.

Apple yaramaze kandi gushira ahabona ubuhinga bwo kuriha mu mabanki ukoresheje ubuhinga Apple Pay,kandi ubwo buhinga buramaze gushigikirwa n’amabanki arenga 2500.

Apple igiye guhindura izina ry’ubuhinga bakoresha mu kubika ivya ngombwa vy’amakarata bakoresha mu kuriha ubu izokwitwa Wallet.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.