IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > APRODH :Gupfungira abantu ubusa biriko biragabanuka

APRODH :Gupfungira abantu ubusa biriko biragabanuka

samedi 27 Ndamukiza 2013

Ku bantu 286 bari aha na hariya mu mabohero atandukanye ari mu gisagara ca Bujumbura,136 bararekuwe,ku ntererano y ’ishirahamwe rirwanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe APRODH hagati y’amagenekerezo ya 22 na 25 z’ukwezi kwa Ndamukiza 2013, nkuko bimenyshwa n’uwurongoye iryo shirahamwe mu gihugu c’Uburundi Petero Karaveri Mbonimpa.

Muri iki gihe ibijanye no gupfungira abantu ubusa biriko biragabanuka kuruta mu myaka iheze, aho abantu bapfungwa ugasanga baramaze igihe n’igihe batararengutswa baburane imbere y’umucamanza, canke ugasanga umuntu amaze igihe kinini atagira na dosiye y’urubanza.

Ikindi naco mw’ishirahamwe bashima ni ibijanye n’uko abatarakwiza imyaka batagipfungwa, eka ndetse n’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyagabanutse, bikaba bitandukanye rwose no mu myaka iheze.

Muri APRODH ariko baranegura uko amabohero amwe amwe atunganijwe haba mu gihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura, bagasaba ubushikiranganji bw’ubutungane kwicarira ico kibazo.

Muri APRODH kandi ngo barabona ko intambwe iriko iratera ija imbere baravye uko bakorana n’ubushikiranganji bw’umutekanano hamwe n’ubw’ubutungane, mu gikorwa c’ugufasha abanyororo. Ngo ariko naho biri uko ,abacamanza co kimwe n’abajejwe inzego z’umutekano baravuga ko badafise ibikoresho bikwiriye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.