Accueil > Amakuru > Amashuri > APUB : Isubirwamwo ry’agafashanyo mu makaminuza ryaje guhuhura (...)
APUB : Isubirwamwo ry’agafashanyo mu makaminuza ryaje guhuhura ivyahuba
samedi 5 Ndamukiza 2014
Ikibazo c’agafashanyo catumye haba icuka kibi muri kaminuza y’Uburundi kije gisongera isibe ku bindi bibazo vyari bisanzwe biri muri iyo kaminuza, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe ry’abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi bahurikiye mw’ishirahamwe APUB.
Mw’itangazo basohoye kuri uno wa gatanu, inyuma y’inama idasanzwe bakoze, abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi bahurikiye muri APUB (Association des Professeurs de l’Université du Burundi) bamenyesha ko imbere y’uko haduka ingorane zavuye ku ngingo y’umukuru w’igihugu isubiramwo uko agafashanyo gatangwa mu mashure ya kaminuza, hari hasanzwe hari izindi ngorane zikomeye muri kaminuza y’Uburundi.
Muri izo ngorane, abo bigisha bavuga ko ata kirangaminsi c’ivyigwa cari kihari (absence de calendrier académique) muri kaminuza y’Uburundi. Hari ibikorwa vyasa n’ivyari vyahagaze nk’amanama bita colloques, hamwe na conférences scientifiques. Hari abigisha bahawe akazi bidaciye mu mategeko, hamwe n’ishirwa ahabona ry’ibikorwa vy’ubushakashatsi bisa n’ivyahagaze.
Nk’uko babandanya babishikiriza, ico cuka cari gisanzwe kihari kiriyekanira no mu migenderanire iyo kaminuza yari isanzwe ifitaniye n’ayandi ma kaminuza, aho mbere n’ingendo ku bigisha ziherutse guhagarikwa (missions d’enseignement). Izo ngorane zadutse kandi mu gihe muma kaminuza hari hashizweho inyigisho zishasha bise BMD, aho hari hakenewe ko bitondera ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.
Ingorane yo kubura ibiganiro hamwe n’umwumvikano zatumye haba icuka kibi hagati y’abigisha bo muri kaminuza, bituma mbere haba uruhagarara hagati y’ubuyobozi bwa kaminuza, hamwe n’abasigaye bose.

Muri urwo rwandiko rwateweko igikumu n’umukuru w’iryo shirahamwe, Théophile Ndikumana basaba Reta y’Uburundi guhagarika ingingo y’uko agafashanyo gasubirwamwo uko gatangwa mu makaminuza y’Uburundi, gukuraho ibihano vyari vyafatiwe batanu mu banyeshure baserukira abandi. Ivyo rero akaba arivyo bizotuma abo bana b’igihugu basubira mu mashure, ibiganiro bikazoca bishoboka. Abo bigisha ba kaminuza basaba kandi kwugurura ibiganiro bihurikiyemwo aberwa bose n’ikibazo c’indero. Barangiza basaba itunganywa ry’inama idasanzwe y’igisata c’indero (états généraux de l’éducation)
Floxella Karire