Accueil > Amakuru > Mu makungu > Arabie Saoudite: Abarenga amajana indwi baguye mu rugendo rweranda i (...)
Arabie Saoudite: Abarenga amajana indwi baguye mu rugendo rweranda i Maka
vendredi 25 Nyakanga 2015
Abantu bashika 717 nibo bapfuye abandi 863 barakomereka mu misunikano yabaye mu rugendo rweranda rubera mu gisagara c’i Maka mu gihugu ca Arabie Saoudite,mu gihe abaislam bahimbaza umunsi w’intama.
Hari haheze imyaka mirongo ibiti n’itanu ata bantu nkabo bapfuye bari muri urwo rugendo.kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,abantu barenga amajana indwi nibo bapfuye,mu mahuriro y’amabarabara abiri ari ahitwa Mina.
Igihugu ca Iran kimwe muvyaburiye abantu benshi muri iyo misunikano,cakiriza umurwi wari ujejwe uutekano muri urwo rugendo ko ariwo wavyifashemwo nabi,gushika aho abantu nkabo bitaba Imana.
Mwomenya ko hari haheze iminsi icumi,abantu 111 bitavye Imana aho muri ico gisagara inyuma yaho icuma kimwe mu vyakoreshwa mu gusanura umusigiti munini uri i Maka gitembagaye kikagwa ku bantu.
Van Naris Mugisha
Messages
25 Nyakanga 2015, 11:46, par junja
nonehabaharioyo.iki.bapfakubera.uburofanwabo.nisawa
25 Nyakanga 2015, 14:04, par doct
Imana ibakire mubwamibwayo
25 Nyakanga 2015, 17:09, par Mussa
Imana ibashire mugikiriza ça Abraham
25 Nyakanga 2015, 19:13, par Nabonabacu
Ibibituma ababavukanyibacu bakorana aribeshi bamwebikabaviramwo urupfu ivyonivyo Yeszu yemeye arapfa kubwacu kugira ntituzongere guhura nuyumugundano utuviramwo amarira nkaya Imana iciye muri Yeszu abeshi mubavyubahirije ntibazohura nakakaga ukundi. Abapfishije ndabahojeje nubwotudahuje ukwemera ariko mugihe tukiringahakw’Isi ivyoduhuriyeko nivyishi, kubwivyo uwafuye numuntunkanje ntibibuzako ngira umubabaro ndanahojeje umi ryango yabuze ababo mubihugu vyarivyovyose bavamwo.
26 Nyakanga 2015, 20:25, par emmanuel
ubwo n’ubuyobe bw’ubugesera.izo nyungu bakur’i maka zizohinyuka ku mpera y’ibihe.
27 Nyakanga 2015, 08:38, par neurtos
nukugabanya abatama canke kubagara kuko ntamwaka ivyo bitaba.igitigiri c abapfa kiba kizwi
27 Nyakanga 2015, 11:27
Poresana Mwihangane Imana Ibakire
27 Nyakanga 2015, 20:36, par mutima
Ni bihane dutere Satani dukoresheje amasengesho mw’izina ya YESU KRISTO ahandi ho akari inyuma karahinda. N’abandi baracapfa. Ewe gupfa rubi kandi Yes yaradupfiriye!
7 Mukakaro 2017, 09:12, par salim samiuudin
ewa Allah Turagusavy Abobant Bakwitavy Barik Bashak Ubwamibwaw Bwijur Abikirir Hafiyijuur Ryaw Rya Fridaus Abobakizw Nyimb Ari Abokwasatan Nab Basavy Iyoduwa Ndabahay Pol Iman Ntiyigr Yakir Dua Mbii Bihangan