Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arabie Saoudite yahagaritse imigenderanire hagati yayo na Iran - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Arabie Saoudite yahagaritse imigenderanire hagati yayo na Iran

Arabie Saoudite yahagaritse imigenderanire hagati yayo na Iran

lundi 4 Nzero 2016

Umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Arabie Saoudite yamenyesheje ko igihugu ciwe gihagaritse imigenderanire n’igihugu ca Iran,inyuma yaho ahakorera ubuserukizi bwabo ku murwa mukuru wa Iran Teheran haterewe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno w’Imana igenekerezo rya 3 Nzero 2016, umushikiranganji w’imigenderanire ya Arabie Saoudite n’ayandi makungu Adel al-Jubeir yavuze ko abakozi b’ubuserukizi bwa Iran muri Arabie Saoudite bahawe amasaha 48 ngo babe bavuye mu gihugu.

Adel al-Jubeir yavuze ko Iran civanga mu bikorwa vy’igihugu ca Arabie Saoudite ibituma haba ivyononekara n’inyubako zisambuka.Yavuze ko kuba abari mu myiyerekano barateye ahakorera ubuserukizi bwabo ari uguhonyanga amategeko mpuzamakungu,akagiriza igihugu ca Iran ko ataco cakoze.

Ukutumvikana kwatanguye inyuma yaho hari umutegetsi mw’idini rya Islam cheikh Nimr Baqer al-Nimr ava mu bwoko bwaba Shiit yishwe anyonzwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 2 Nzero 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.