Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arabie Sauodite: Impome zigabura ibibanza vy’abakenyezi n’ivy’abagabo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Arabie Sauodite: Impome zigabura ibibanza vy’abakenyezi n’ivy’abagabo mu (...)

Arabie Sauodite: Impome zigabura ibibanza vy’abakenyezi n’ivy’abagabo mu mangazine

mardi 29 Nzero 2013

Kuva ubu,mu gihugu ca Arabiya Saoudite ngo mu mazu yo kudandarizamwo hategerezwa kuba uruhome rupima n’imiburiburi isantimetero 160 z’uburebure,hagati y’ibibanza vy’abakenyezi n’ivy’abagabo kugirango ntibakoraneko.

Nk’uko bimenyeshwa n’ibinyamakuru vya royaume ultraconservateur,ngo ivyo vyavuye kw’itegeko ryashizweko umukono n’igipolisi kijejwe amashengero,no guhagararira imicio n’akaranga k’idini rya islam.Abarishize ko umukono akaba ari Abdel Latif-Cheikh,n’umushikiranganji w’akazi Adel Faqih.

Mu mwaka w’2011,ubutegetsi bw’ico gihugu bari bategetse ko abafise imangazine badandarizamwo impuzu z’abakenyezi birukana abadandaza bava mu bihugu vya Aziya bakabasubiriza n’aba nya Arabiya Saoudite,ico gihe n’abadandaza parfum bakaba barakozweko n’iyo ngingo.

JPEG - 38.1 ko

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho uwurongoye igipolisi kijejwe amadini yagirije umushikiranganji w’akazi ko ataco bariko barakora kugirango bakingire abo bakenyezi badandariza muri ivyo bibanza,ngo kuko abakenyezi bamwe muribo bari bamaze guhohotegwa.

Ingingo yo gutandukanya abo badandaza b’abagabo n’abakenyezi ikaba yafashwe inyuma yaho abakenyezi benshi bantangaje ko bagomba gukora batandukanye n’ abagabo ivyo bakaba babitangaje baciye ku rubuga ngurukana bumenyi internet,ariko batari bake bakaba baravyiyamirije kuko babona ko iyo ngingo izotuma abo bakenyezi bagiranira imimenyerano na banyene imangazine.

Umushikiranganji w’akazi wewe akaba avuga ko,iyo ngingo izotuma ibitigiri vy’abakenyezi bazoronka akazi biyongera kuko ngo abakenyezi badafise akazi bangana ibice 30%,nk’uko ivyigwa vyagizwe bivyerekana; ngonkandi abanyamahanga bakorera muri ico gihugu bagera ku miliyoni umunani.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.